Irani ivuga ko yafashe abasumyi b'urusaku 17 ba Amerika, bamwe bacirirwa urwo gupfa

Umukuru w'igihugu ca Irani, Hassan Ruhani (hagati) ahanganye na Amerika

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Irani ivuga ko abafashwe bariko barakusanya amakuru ku bibanza bikomeye muri Irani

Igihugu ca Irani cavuze ko cafashe abasumyi b'urusaku 17 bakorera ibiro vya Amerika bijejwe iperereza, CIA, bamwe muri bo bacirirwa urubanza rwo gupfa.

Ubushikiranganji bujejwe ibijanye n'iperereza buvuga ko abo bakekwa bariko barakusanya amakuru y'inzego zikomeye mu gihugu, harimwo ibibanza vya gisirikare n'ibikorerwamwo ibijanye n'inguvu za nucleaire.

Leta Zunze Ubumwe za Amerika gushika ubu ntaco ziravuga kuri ayo makuru atangazwa na Irani.

Ariko bivuzwe mu gihe umubano hagati ya leta y'i Washington n'iy'i Tehran utifashe neza na gatoyi.

Prezida Trump mu mwaka uheze yarikuye mu masezerano mpuzamakungu ku mugambi wa nucleaire wa Irani.

Amerika kandi yaciye ifatira Irani ibihano bikomeye mu vy'ubutunzi.

Harabaye ibibazo bijanye n'umutekano mu karere k'Ikigobe mu ndwi ziheze, kandi impande zombi ziramaze guhakwa gukozanyaka vya gisirikare.