Harabaye ukuvugana imbere y'uko Irani ifata ubwato bw'Ubwongereza butwara ibitoro

Hashizwe ahabona amajwi y'ukuganira hagati y'ubwato bw'ingwano bw'Ubwongereza n'amato y'abasirikare ba Irani, imbere gatoyi y'uko ubwato buriko ibendera ry'Ubwongereza bufatwa kuwa gatanu.
Muri ayo majwi, ubwato bwa Irani bubwira ubw'Ubwongereza bwitwa HMS Montrose, ko bushaka kugenzura ubwato Stena Impero kubera imvo z'umutekano.
Icegera c'umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w'Ubwongereza, Tobias Ellwood, yavuze ko gufatira ibihano Irani biri mu ngingo ziriko zirihwezwa.
Ariko uwuserukiye Irani i London yagabishije Ubwongereza kudahirahira ngo bwunyure ibintu.
Hamid Baeidinejad yavuze mu butumwa bwa twitter ati: "Ibi birakomeye kandi ntibikenewe mu gihe nk'iki c'uruhagarara mu karere. Ariko Irani yihagazeko kandi yiteguriye icoshika cose."
Ubushikirananji bw'Ubwongereza bujejwe imigenderanire bwahimirije Irani kwisubirako ikarekura ubwato yafashe.
Jeremy Hunt yavuze ko abashingamateka bazohabwa amakuru yose kuwa mbere yerekeye "ingingo nshasha" leta igiye gufata.
Mbe vyagenze gute?
Kuwa gatanu, ubwato butwara ibitoro Stena Impero bwafashwe n'abasirikare ba Irani bwo mu rwego rwa Revolutionary Guard buri mu muhora wa Hormuz, inzira ikoreshwa cane n'amato mu kigobe.
Irani yavuze ko ubwo bwato "bwariko burahonyanga amategeko mpuzamakungu agenda amato".
Video yashizwe ahabona kuwa gatandatu n'ibiro ntaramakuru, Fars, bikorana vya hafi n'igisirikare ca Irani yerekanye igihe ubwo bwato bwafatwa.
Yerekana abasirikare biyoberanije mu maso bakoroka ku mugozi baja hejuru y'ubwato bavuye muri kajugujugu, ubwo bwato bumaze gukikuzwa n'ubwato buto buto bunyaruka.
Ubwato bw'ingwano bw'Ubwongereza, HNS Montrose, bwaratabasjwe ariko bwari kure can kugira bube bwobuza iryo fatwa.
Ibiro ntaramakuru vya leta ya Irani, IRNA, vyavuze ko ubwo bwato butwara ibitoro bwafashwe bumaze kugongana n'ubwato buroba, buca bunanka kwishura ubutumwa bwahawe.











