Umutegetsi wo muri Irani avuga ko nabo bakwiye gufata ubwato bw'Ubwongereza

Ubwoto butwara ibitoro bwa Irani bufashwe n'ubwato bw'ingwano bw'Ubwongereza ejo itariki 04/07/2019 i Gibraltar

Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images

Insiguro y'isanamu, Irani ishavuriye Ubwongereza kubera ubwato bwayo bwafashe

Umwe mu bategetsi bo hejuru muri Irani avuga ko igihugu ciwe cari gikwiye gufata ubwato bw'Ubwongereza butwara ibitoro mu kwishura ku bwato bwa Irani bwafashwe ejo kuwa kane.

Mohsen Rezaei, umwe mu magize urwego ruhanura ubutegetsi, yavuze ko Ubwongereza nibutarekura ubwo bwato, bizoba biri mu gikorwa c'abajejwe intwaro muri Irani, gufata ubwato bw'Ubwongereza.

Abasirikare b'Ubwongereza barwanira mu mazi bafashe ubwo bwato bwa Irani butwara ibitoro buri hafi ya Gibraltar.

Barabwahutse barabufata kuko bwaketswe kuba bushiriye ibitoro Syria, mu kurenga ku bihano vyafashwe n'ishirahamwe rya Buraya kuri leta y'ico gihugu.

Sentare i Gibraltar yongereje ikiringo ubwo bwato bushobora kumara bufashwe gushika ku ndwi zibiri.

Ico kibazo cateje ishavu ryinshi muri Irani ku gihugu c'Ubwongereza, bagiriza kuba cakurikije amategeko ya Amerika.

Ibihano vya Amerika kuri Irani vyafashwe Prezida Trump amaze kuva mu masezerano mpuzamakungu ku nguvu za nucleaire z'ico gihugu, bitanguye gutuma ubutunzi bwifata nabi cane.