IKIBIRIRAHO, Amerika yigambye ko yarashishije Torpedo ‘ubwato bw’intambara’ bwa Iran bwarohamye hafi ya Sri Lanka

Minisitiri w'ingabo wa Amerika Pete Hegseth yabwiye abanyamakuru ati: “Ubwato bw’intambara bwa Iran bwari buzi ko ntacyo bwaba buri mu mazi mpuzamahanga.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chancard Abimana, Didier Bikorimana na Dinah Gahamanyi

  1. Indege za OTAN zarashe ibisasu bya nuclear bya Iran byerekezaga muri Turkey

    OTAN

    Ahavuye isanamu, Ministry of Defence

    Minisiteri y'ingabo za Turkey iratangaza ko ingabo za OTAN zashenye ibisasu bya nikleyeri bya Irani yerekezaga mu kirere cya Turukiya.

    Mu itangazo ryabanje kuba mu rurimi rw'Igiturukiya, minisiteri y'ingabo yavuze ko nta n'umwe wapfuye.

    Ivuga ko iyo misile "yagaragaye inyura mu kirere cya Iraki na Siriya yerekeza mu kirere cya Turkey".

    Itangazo rya Turkey, kimwe mu bihugu bigize OTAN, ryagize riti: "Turaburira impande zose kwirinda gufata ingamba zose zishobora gutuma intambara ikomeza kwiyongera mu karere k'Uburasirazuba bwo Hagati."

    Izindi nkuru wasoma:

  2. Ishyingurwa rya Khamenei ryasubitswe - Itangazamakuru rya Leta

    Ayatollah Al Khamanei

    Ahavuye isanamu, AFP

    Insiguro y'isanamu, Ayatollah Al Khamanei

    Amakuru atangazwa n'itangazamakuru rya leta ya Iran aravuga ko umuhango wo gushyingura Umutegetsi w'Ikirenga wa Iran uherutse kwicwa wasubitswe.

    Ayatollah Ali Khamenei wari ufite imyaka 89 yishwe mu gitondo cyo ku wa gatandatu mu gitero cy'indege z'intambara za Israel zashwanyaguje inyubako yari aherereyemo mu murwa mukuru Tehran.

    Umuhango wo gushyingura w’iminsi itatu wari witezwe gutangira nyuma y’uyu munsi, amafoto ku mbuga nkoranyambaga agaragaza imyiteguro irimo gukorwa.

    Ariko, raporo zigaragaza ko abateguye iki gikorwa bavuze ko iki gikorwa kizasubikwa kugeza igihe ibikorwa remezo bizaba bigihari.

    Nta tariki yagenwe yo gushyingura.

    Izindi nkuru wasoma:

  3. Amerika yigambye ko yarashishije Torpedo ‘ubwato bw’intambara’ bwa Iran bwarohamye hafi ya Sri Lanka

    Ubwato bw'intambara Iris Dena bwa Iran bwafotowe ku cyambu cya Rio de Janeiro muri Brazil mu  2023

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Ubwato bw'intambara Iris Dena bwa Iran bwafotowe ku cyambu cya Rio de Janeiro muri Brazil mu 2023

    Mu kiganiro n’abanyamakuru Minisitiri w’ingabo za Amerika yemeje ko ingabo za Amerika ari zo zarashwe “ubwato bw’intambara bwa Iran” bwarohamye buri mu nyanja hafi ya Sri Lanka.

    Kare, amakuru y’igisirikare cya Sri Lanka yemeje ko abantu 140 baburiwe irengero nyuma y’uko ubwato bwatanze intabaza bajya kubugeraho bagasanga bwarohamye.

    Minisitiri Pete Hegseth yabwiye abanyamakuru ati: “Ubwato bw’intambara bwa Iran bwari buzi ko ntacyo bwaba buri mu mazi mpuzamahanga.

    “Ariko bwarashwe torpedo burarohama”.

    Torpedo ni igisasu cya misile giteye nk’isegereti cyagenewe kuraswa kivuye ku bwato busanzwe cyangwa mu bwato bugendera munsi y’amazi kigaturika kigeze ku ntego.

    Hegseth ntiyavuze izina ry’ubwato bwa Iran bwarashweho.

    Kare, igisirikare cya Sri Lanka cyavuze ko ubwato IRIS Dena bwarohamye mu nyanja y’Ubuhinde, abagera ku 140 mu bari baburimo bakaburirwa irengero.

    Hegseth yavuze ko Amerika “irimo gusinda, n’ingufu nyinshi, no gushwanyaguza kandi nta mbabazi”.

    Yavuze ngo: “Tumaze iminsi ine gusa kandi nk’uko Trump yabivuze” Amerika “izafata igihe cyose dukeneye” ngo ibi bitero barimo bigende uko babishaka.

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Irindimuka ry’ikirombwe ca Gasasa i Rubaya 'ryahitanye abarenga 200'

    Ikirombwe

    Ikirombwe c’ahitwa Gasasa mu karere ka Rubaya gicukurwamwo ubutare bwa coltan muri teritware ya Masisi caraye gihitanye abantu baharurwa 200, ariko amakuru akavuga ko iki gitigiri gishobora kwiyongera, ufatiye ku bari basanzwe bahakorera.

    Radio Okapi ihabwqa uburyo na ONU ivuga ko hampande y’abasanzwe bimba ubutare, mu bahasize ubuzima harimwo abadandaza batobato basanzwe badandariza kuri ico kirombwe bagurisha amazi, imfungurwa n’ibindi bikoresho ku basanzwe bimba ubutare.

    Hari haciye hafi ukwezi kumwe ikindi kirombwe c’aho nyene i Gasasa kirindimutse kikiha inkumbi, hari ku wa 28 Nzero (1) uno mwaka, aho abantu barenga 400 bahasize ubuzima

    Umwe mu basnzwe bakorera kuri iki kirombwe yasubiwemwo n’ikinyamakuru Actualite co muri RD COngo agira ari: “Twari benshi mu kinogo. Twatanguye tubona ivu rikoroka bukebuke, bamwe batangura gutabaza ko basohoka, ariko igihe cari carenganye. Mu masegonda make gusa, cari kirindimutse.

    “Jewe nakize kuko nagumije urubaho, ariko benewacu babiri cabaguyeko. Sinzi ko n’ibiziga vyavo bizoshobora kuboneka”.

    Mu gisagara ca Rubaya, umwikomo wari mwinshi ku miryango itari mike ifise abayo muri ico kirombwe kandi ata makuru akwiye ironka ku bayo.

    Ibikorwa yo kurondera abakizibiriwemwo birabandanya kugira ngo barabe ko botora abagihema canke bagakurayo ibiziga vy’abasandavye.

    Biguvwa ko iki kirombwe carindimutse hafi isaha icenda n’igice n’igice, abavuganye na Radio Okapi bakavuga ko aa n’imvura yariko iragwa, ariko ko vyaboneka ko ikiba cashobora kuba: aho hantu hari ikigera, hasenyagurika kandi huzuye iinogo.

    Abanyagihugu ntibatahura igituma abategetsi batabujije abantu gushik muri kiki kirombwe.

    I Gasasa co kimwe no mu bundi burere bwa Masisi, ubucukuzi bubayabaye ni bwo busigaye ari yo soko y’uburaro n’uburamuko ku miryango myinshi, nubwo ari ibikorwa bibandanya vyiha inkumbi.

  5. Ivy'akakanya, Abantu 140 baburiwe irengero nyuma y'aho ubwato bwa Iran burohamye ku nkengero za Sri Lanka

    Sri Lanka

    Ingabo zirwanira mu mazi za Sri Lanka zemeje ko zarokoye abantu 32 nyuma y’aho zihamagawe n’ubwato bw’ingabo zirwanira mu mazi bwa Irani 'IRIS Dena' mu gitondo cya kare kuri uyu wa gatatu.

    Budhika Sampath, umuvugizi w’ingabo zirwanira mu mazi za Sri Lanka agira ati: “Nubwo byari birenze amazi yacu, byari mu karere kacu ko gushakisha no gutabara. Bityo twari dufite inshingano zo gutabara nk’uko byari byitezwe n’amahanga.”

    Yongeraho ati: “Twasanze abantu bareremba hejuru y’amazi, turabarokora, hanyuma ubwo twabazaga twasanze abo bantu bari bari mu bwato bwa Irani.”

    Avuga kandi ko nk'uko inyandiko z'ubwato zibigaragaza, bikekwa ko hari abantu 180 bari muri ubwo bwato, nubwo umubare nyawo w'ababuriwe irengero utazwi.

    Uyu muvugizi avuga ko ubwo batangizaga ibikorwa by'ubutabazi batabonye ubwato ahubwo babonye ahantu hamwe na hamwe hari peteroli mu mazi n'amato y'ubutabazi areremba.

    Yanabwiye BBC ko atemeranya n'amakuru avuga ko igitero aricyo cyateye kurohama ku bwato, kandi ko icyabiteye kitazwi.

    Mbere yaho, umunyamabanga wa minisiteri y’ingabo z’igihugu, ushinzwe ingabo zirwanira mu kirere, Sampath Thuiyakontha, yabwiye BBC Sinhala ko abantu bagera ku 140 baburiwe irengero.

    Kugeza ubu, igisirikare cya Sri Lanka ntikirabasha kwemeza icyaba cyarateye ubwato kurohama.

  6. 'Ibintu birimo kurushaho kuba bibi' Abanya-Irani bavuganye na BBC, mu gihe Israel yagabye ibindi 'bitero byinshi'

    Umwotsi uragaragara uzamuka hejuru ya Tehran ku wa kabiri

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Umwotsi uragaragara uzamuka hejuru ya Tehran ku wa kabiri

    Mu gihe Israel itangaza ko irimo gukora ibitero bishya kandi "byagutse" hirya no hino muri Tehran, ivuga ko irimo kwibasira ibikorwa remezo bya reta, BBC yakomeje kuvugana n'abaturage batuye i Tehran.

    Abagabo babiri baduhaye ubutumwa ku mugoroba wo kuwa kabiri batubwira ubwoba bwabo n'urujijo barimo.

    Umugabo umwe uri mu kigero cy'imyaka 30 yanditse ati: "Ndacyumva ibisasu biturika... Ndarambiwe."

    "Ntabwo nkishimye [kubera ko ubutegetsi bushobora guhinduka], oya. Ndananiwe gusa, kandi ntabwo nzi ikizakurikira."

    Undi mugabo uri mu kigero cy'imyaka 20 yanditse ati:

    "Nabaze ibisasu 30 uyu munsi [kuwa kabiri]. Bigenda birushaho kuba bibi buri munsi. Uyu munsi umwotsi wuzuye mu nzu yacu.

    "Uratekereza ukibaza uti 'ese iherezo ry'ibi rizaba irihe? Bizarangira ryari? Ndashaka amahoro kuri twese.

    "Biteye ubwoba. Biteye ubwoba cyane. Sinzi abayobozi batuye hafi aho. Ndizera ko bitazatugiraho ingaruka mbi no ku buzima bwacu kubera bo."

    Izindi nkuru wasoma:

  7. Nigeria yahagaritse ingendo z’Abakiristu baja gusengerera muri Israel

    Abantu barimwo gusengera ku rukuta ruzwi cane i Yerusalemu muri Israel

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Abantu barimwo gusengera ku rukuta ruzwi cane i Yerusalemu muri Israel

    Abategetsi ba Nigeria bahagaritse ingendo zo gusenga zose zija muri Israel, bavuga ko bafise impungenge z'umutekano zifitaniye isano n'ingorane zibandanya kwiyongera mu karere k'uburasirazuba bwo hagati.

    Iyo ngingo yatangajwe n'ishirahamwe ry'abakiristu bo muri Nigeria, risanzwe rijejwe gutunganya ingendo zo gusenga z'abakiristu.

    Mw'itangazo iryo shirahamwe ryasohoye, ryavuze ko iyo ngingo yashizweho mu gushira imbere “umutekano n’ukworoherwa” kw’abanya Nigeria bagenda gusenga.

    Iryo hagarikwa riraba ingendo zose zitegurwa na reta hamwe n’izitegurwa n’ibigo vy’abikorera ku giti cabo bitunganya ingendo z’ugusenga.

    Abategetsi bavuze ko iryo hagarikwa rizoguma rikurikizwa gushika ibintu vyifashe neza muri ako karere.

    Ibihumbi n'ibihumbi vy'abakiristu bo muri Nigeria baja muri Israel buri mwaka mu rugendo rwo gutembera mu bibanza vya Bibiliya nka Yeruzalemu, Betelehemu na Nazareti.

    Izo ngendo, akenshi zifashwa canke zitunganywa n’intwaro, kandi ni igice gihambaye c’ibikorwa vy’idini muri Nigeria.

    Nigeria, igihugu ca mbere gifise abantu benshi muri Afrika, Ingendo zo gusengerera muri Israel zifatwa nk'izifise agaciro kanini mu vy'impwemu, kandi abatari bake baziganya amahera imyaka myinshi kugira bashobore gukora izo ngendo.

    Abategetsi ba Nigeria ntibaramenyesha igihe iryo hagarikwa rishobora gukurwaho, ariko bavuga ko bariko barakurikiranira hafi uko ibintu biriko birahinduka muri ako karere.

    Si ubwa mbere ingendo zo gusenga zihagaritswe kubera impungenge z’umutekano. Muri kahise, izo ngendo zarigeze guhagarikwa mu gihe c’’intambara mu karere hamwe no mu gihe c’ikiza ca Covid-19.

    Gushika ubu, abipfuza gukora ingendo zo gusenga basabwe kurindira izindi mpanuro zizotangwa n'umurwi ujejwe gutunganya izo ngendo n’abategetsi babijejwe.

    Ibindi wosoma:

    • Trump yavuze ko Amerika yatangije ibitero 'bikomeye kandi byica' muri Nigeria
    • 315 banyurujwe kw'ishure rya Katorika muri Nigeria, kimwe mu bitigiri binini cane vy'abanyuruzwa
    • Trump yakangishije igikorwa cya gisirikare muri Nigeria kubera 'ubwicanyi bukorerwa abakirisitu'
    • Ivyamamare vyo muri Nigeria ni vyo vyiganje mu birori vya "All Africa Music Awards"
  8. Reba: Uburyo Amabasade ya Amerika muri Dubai yagabweho ibitero

    Insiguro ya video, Reba: Umuriro urimo kwaka hanze y'ibiro bya Amerika muri Dubai nyuma y'igitero cya drone

    Kuva ibitero bya Amerika na Israel byatangira ku wa Gatandatu, Iran yatangiye ibitero byinshi ku birindiro bya Amerika n'inshuti zayo ahantu hatantukanye mu karere k'uburasirazuba bwo hagati.

    Amashusho yemejwe na BBC Verify aragaragaza inyubako ya ambasade ya Amerika i Dubai irimo gushya nyuma yo kuraswa n’indege itagira abapilote ku mugoroba wo kuwa kabiri.

    Videwo imwe, iragaragaza ikintu gisa nkaho ari 'drone' isekura iyi ambasade, mu gihe indi igaragaza umuriro waka imbere muri iyo nyubako n’umwotsi w’umukara uzamuka mu kirere.

    Mu kiganiro yagiranye n'abanyamakuru nijoro, Minisitiri w'Ububanyi n'Amahanga wa Amerika, Marco Rubio, yemeje ko indege itagira umupilote yagonze "aho imodoka zihagarara" hafi y'inyubako y'ikigo cy'ubucuruzi.

    Rubio yagize ati: “Abakozi bose ni bazima,” yongeraho ati: “Birumvikana ko twagize amahirwe menshi, ariko ambasade zacu n’ibigo byacu bya dipolomasi bwatewe mubitero bitaziguye bivuye ku butegetsi bw’iterabwoba.”

    Izindi nkuru wasoma:

  9. Mu gihe gusezera Khamenei bitegekanijwe gutangura, Israel igabisha ko ishobora kwica uwomusubirira

    Ifoto y'umukuru w'ikirenga wa Irani, Ali Hosseini Khamenei, inyuma yiwe hari amabendera ya Irani

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Ali Hosseini Khamenei

    Ibinyamakuru vya reta ya Irani bivuga ko ibirori vyo gusezera uwari mukuru w'ikirenga wa Irani, Ayatollah Ali Khamenei, biza kubera i Tehran uyu munsi.

    Khamenei yishwe igihe ibitero vya Amerika na Israel vyatangura ku musi wa gatandatu.

    Bivugwa ko kumusezera biza gutangura isaha 18:30 GMT(isaha zibiri n’igice z'ijoro ku masaha yo mu Burundi no mu Rwanda), bikazomara imisi itatu imbere y'ukumuhamba, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vya reta.

    Ikinyamakuru The New York Times co muri Amerika kivuga ko umuhungu wa Khamenei, Mojtaba Khamenei, asa nuko ari we ari imbere mu bahiganirwa kuba Umuyobozi Mukuru mushasha, kandi ko ingingo ishobora gufatwa hakiri kare no mu gitondo co uno musi.

    Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Israel, Israel Katz, yamenyesheje ko uwo ari we wese azosubirira Khamenei akabandanya "umugambi wo gusambura Israel, gutera ubwoba Amerika" no "gukumira abanyagihugu ba Irani", azoba "ihangiro ridasanzwe ryo gukurwaho".

    Ayandi makuru hano:

  10. Ivy'akakanya, Arabiya Sawudite yaburijemo ibisasu bibiri bya misile ku mato

    Ibiro ntaramakuru bya Reuters na AFP byatangaje ko Minisiteri y’ingabo ya Arabiya Sawudite yavuze ko yaburijemo ibisasu bibiri bya misile mu majyepfo y’umurwa mukuru wayo, Riyadh.

    Hagati aho, Ikigo cy’itangazamakuru cya Arabiya Sawudite kiratangaza ko indege icyenda zitagira abapilote zarashwe muri icyo gihugu.

    Abayobozi ba Arabiya Sawudite ariko ntibavuze aho ibisasu bya misile na drones byarashwe biturutse.

  11. Abasirikare ba mbere b'Amerika bapfiriye mu ntambara na Irani bamenyekanye

    Ifoto ifatanyije mu buryo bw'ikoranabuhanga igaragaza abasirikare bane b'Amerika bambaye impuzankano za gisirikare

    Ahavuye isanamu, US Army Reserve Command

    Insiguro y'isanamu, Uhereye ibumoso ugana iburyo hari: Kapiteni Cody Khork, Sgt Noah Tietjens wo mu cyiciro cya mbere, Sgt Nicole Amor, na Sgt Declan Coady. Abandi basirikare babiri bataramenyekana na bo bapfuye mu mu gitero cyo muri Kuwait

    Igisirikare cy'Amerika cyashyize ahagaragara umwirondoro w'abasirikare bayo ba mbere biciwe mu ntambara hagati y'Amerika na Iran.

    Abasirikare batandatu bapfuye ubwo "sisiteme y'indege itagira umupilote" yakwepaga ubwirinzi bwo mu kirere, igakubita mu kigo cy'ubuyobozi bw'ingabo z'Amerika cy'i Port Shuaiba, muri Kuwait, ku cyumweru.

    Ubuyobozi bukuru bwa gisirikare muri Amerika (US Central Command) bwabanje kuvuga ko abasirikare batatu bapfuye muri icyo gitero, ariko abategetsi bemeje ku wa mbere ko umubare w’abapfuye wikubye kabiri.

    Ni nyuma y’uko umuntu umwe apfuye nyuma yo gukomereka, indi mirambo ibiri iboneka mu bisigazwa by’aho.

    Aba batandatu ni bo bapfuye bonyine bemejwe n'igisirikare cy'Amerika kuva cyatangira intambara nshya na Iran - Amerika ifatanyije na Israel.

    Izindi nkuru wasoma:

  12. Abasivile barenga 1,000 baramaze kwicwa muri Iran – ibivugwa n'ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu

    Imodoka yahiye inyuma yo guterwa igisasu muri Irani

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Imodoka yatewe igisasu muri Irani

    Ishirahamwe HRANA riharanira agateka ka zina muntu rifise icicaro muri Amerika rivuga ko abasivile 1,097 bamaze kwicwa muri Iran kuva itariki 28 z'ukwezi kwa kabiri, ubwo intambara ya Amerika ifatanije na Israel yatangura kuri Irani.

    HRANA ivuga ko muri abo, 181 ari abana bari munsi y'imyaka 10. Igitigiri c'abasivile bakomeretse kimaze gushika ku 5.402.

    HRANA ivuga ko habaye ibitero 104 mu masaha 24 aheze gusa. Ibandanya iti: "Bateye ibigo vya gisirikare, ibigo vy'ubuvuzi hamwe n'aho abantu baba."

    Haracihwezwa nimba abandi bantu amajana n'amajana na bo barapfuye.

    Andi makuru wosoma:

  13. Reba: Umuhango wo gushyingura abanyeshuri n'abakozi muri Iran

    Insiguro ya video, Isanduku y'umwana yagaragaye mu muhango wo gushyingura wagaragajwe kuri televisio ya leta ya Iran

    Muri Iran habaye umuhango wo gushyingura abanyeshuri n'abakozi bishwe mu gitero abategetsi ba Iran bavuga ko cyagabwe ku bufatanye bwa Amerika na Israel ku ishuri riri mu majyepfo ya Iran.

    Abategetsi ba Irani bavuze ko abantu barenga 160 bishwe ku wa gatandatu ubwo Amerika na Israel byagabaga ibitero byinshi ku birindiro bya gisirikare bya Irani n’ubuyobozi bwabyo, bimwe bikibasira ishuri ry’abakobwa ryari mu mujyi wa Minab.

    BBC News ntiyashoboye kwemeza ubwayo umubare w'abapfuye watangajwe n'abategetsi ba Iran.

    Ishuri ryari riri hafi y'ikigo cy'umutwe w'ingabo wihariye wo mu ngabo za Irani witwa IRGC.

    Igisirikare cy'Amerika cyavuze ko kirimo gusuzuma amakuru y’ibyabaye, mu gihe igisirikare cya Israel cyo cyavuze ko kitazi ibikorwa ibyo ari byo byose biri muri ako gace.

  14. Israel yagabye ibitero bishya kuri Iran mu gihe Amerika yatangaje abasirikare bayo ba mbere bishwe

    Umwotsi uzamuka hejuru y'inyubako ndende

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Intambara yakomeje mu burasirazuba bwo hagati

    Israel ivuga ko irimo kugaba ibitero bishya muri Iran, nyuma y'uko icyo gihugu gitangaje ko cyagabye ibitero ku "kigo cy'ubuyobozi" cya Iran ku wa kabiri.

    Ibi biraba mu gihe Amerika itangaza ko abasirikare bayo bane biciwe muri Kuwait mu gitero cya 'drone' ku cyumweru, umunsi umwe nyuma yuko Israel na Amerika bagabye ibitero kuri Iran.

    Amerika yatangaje ko abasirikare bayo bane bishwe ari Capt Cody Khork, Sgt 1st Class Noah Tietjens, Sgt 1st Class Nicole Amor, na Sgt Declan Coady.

    Hagati aho, Israel na Hezbollah byakomeje guhangana muri Liban aho barasanaho ibisasu bya misile, mu gihe uyu mutwe w’intagondwa ushyigikiwe na Iran wihorera ku iyicwa ry’umutegetsi w’ikirenga wa Irani Ayatollah Ali Khamenei.

    Hezbollah ivuga ko yibasiye ikigo cya gisirikare cya Haifa mu majyaruguru ya Israel.

    Igisirikare cya Israel cyavuze nyuma ho gato ko hari ibisasu byinshi byabonetse, kandi ko byinshi byarashwe.

    Izindi nkuru wasoma:

  15. Israel ivuga ko yafashe misile zatewe zivuye muri Irani

    Ikirere cyijimye kirimo urumuri mu kirere cya Israel

    Ahavuye isanamu, EPA

    Insiguro y'isanamu, Ubwirinzi bw'ikirere bwa Israel bwitwa 'Iron Dome' bwagaragaye burimo gufata ibiturika, nkuko biboneka muri iyi foto yo ku wa kabiri nijoro

    Igisirikare cya Israel kivuga ko Irani irimo kwihorera ku bitero bishya Israel yayigabyeho.

    Mu masaha macye ashize, Israel yavugije impuruza, iburira ku bisasu bya misile byatewe biva muri Irani.

    Ibyuma bisakuza byavuze ndetse Abanya-Israel bakira ubutumwa bwo kubaburira bwo kuri telefone zigendanwa bubategeka kujya kureba aho bikinga no kuhaguma kugeza bahawe andi mabwiriza.

    Israel ivuga ko yanagenzuye ibiturika byaterewe muri Libani, aho ibitero bya Israel byarashe ku mutwe wa Hezbollah.

    Ibisasu bya misile hamwe n’ibiturika byafashwe ndetse nta makuru yahise amenyekana y’abapfuye n’abakomeretse, nkuko Israel ibivuga.

    Izindi nkuru wasoma:

  16. Ibiro vya CIA muri Arabie Saoudite vyatewe na 'drone' bikekwa ko ari iya Iran

    Inyubako y'uwuserukira Amerika i Riyadh, iruhande rwayo hari ibiti

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Ambasade ya Amerika i Riyadh

    Ibiro vy'ikigo c'igendereza c'Amerika (CIA) muri Arabie Saoudite ku musi wa mbere vyatewe n'indege itajamo umudereva (drone) bikekwa ko ari iya Irani, nk'uko itororokanirizo ry'amakuru Reuters ribivuga, risubiramo ivyo ryabwiwe n'umuntu ubizi.

    Uwo muntu yabwiye Reuters ko ata kimenyetso cerekana ko ivyo biro ari vyo vyari bigenderewe.

    CIA yanze kugira ico ibitangazako.

    Ubuserukizi (ambasade) bwa Amerika, buri mu murwa mukuru Riyadh wa Arabie Saoudite, ni bumwe mu bigo vya Amerika bimaze kuraswaho muri iyi ntambara y'Amerika-Israel na Irani.

    Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Arabie Saoudite bwatangaje ko iyo ambasade yarashweho na 'drone' zibiri, biteza umuriro muke n'ibikoresho bimwe birononekara.

    Mu nyuma, ambasade ya Amerika muri Arabie Saoudite yahavuye iburira Abanyamerika kwirinda kuja kuri iyo ambasade kugeza hatanzwe ayandi mabwiriza "kubera igitero" kuri iyo ambasade.

    Ku wa kabiri, iyo ambasade yahagaritse ibikorwa bisanzwe n'ivyihutirwa ku Banyamerika bari bafise gahunda yo kujayo.

    Ayandi makuru:

  17. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.