Liban: Abaharurwa muri mirongo bakomeretse mu myiyerekano ku mugwa mukuru Beirut

Imyiyerekano y'ejo i Beirut yarabandanije gushika mw'ijoro

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Imyiyerekano y'ejo i Beirut yarabandanije gushika mw'ijoro

Imishamirano hagati y'igipolisi n'abari mu myiyerekano biyamiriza leta ku mugwa mukuru wa Libani, Beirut, yakomerekeje abantu baharurwa muri mirongo.

Vyose vyatanguye igihe abari muri iyo myiyerekano bagandagaje imbere y'inyubakwa y'inama nshingamateka bagerageza kwinjira mu kibanza kiri hafi y'iyo nyubakwa, inyuma y'aho baterewe n'abandi bari mu myiyerekano y'ugushigikira ubutegetsi.

Igipolisi cakoresheje vya vyuka bikoroza amosozi, barasa n'amasasu ya plastiki, mu gihe abari muri yo nabo babatera amabuye. Abasirikare bashika 20 nabo nyene bakomeretse.

Iyo myiyerekano yatanguye mu kwezi kw'icumi yiyamiriza akarwi kari ku butegetsi kagirizwa gusesagura umutungo w'igihugu.

Imvururu za nijoro ku wa gatandatu niyo ya mbere ikomeye cane kuva iyo myiyerekano itanguye.

Abashika 54 barakomeretse muri iyo migumuko

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abashika 54 barakomeretse muri iyo migumuko

Iyo myiyerekano yatumye umushikiranganji wa mbere, Sa'ad al-Harir, atanga imihoho, ariko ibiganiro vy'ugushinga leta nshasha ntaco birashikako.

Mona Fawaz, umwe mu bari muri iyo myiyerekano yabwiye BBC ati: "Yari imyiyerekano y'amahoro. Twese twariko turaririmba ko turi bamwe kandi ko turi abanyamahoro, niho haza bamwe muri urwo rwaruka rutangura gusitura uruhome rwadutandukanya".

"Twagiye tubona igitero c'abapolisi baradusanzaza, batangura n'ukudutera ivyuka bikoroza amosozi. Ni ukuri ivyo ntivyari bikenewe".

Igipolisi kijejwe kurwanya imigumuko carahagaritse bamwe mu bari muri iyo myiyerekano yo kurwanya leta

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Igipolisi kijejwe kurwanya imigumuko carahagaritse bamwe mu bari muri iyo myiyerekano yo kurwanya leta

Igipolisi kijejwe kurwanya imigumuko carungitswe mu bice vyinshi vya Beirut, aho cashwiragije abari muri iyo myiyerekano, bamwe bakaba bakubiswe abandi barahagarikwa, nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters.

Bamwe mu bari muri iyo myiyerekano bagerageje gusenyura za bariyeri zikikije inyubakwa y'inama nshingamateka n'izindi nyubakwa za leta. Imishamirano yarabandanije gushika mw'ijoro ry'ejo.

Ikigo kijejwe gutabara abanyagihugu, Lebanese Civil Defence, kimenyesha ko kimaze kwakira abantu 54 bakomeretse, igice cabo bakaba bajanywe mu bitaro. Ntibiratomoka nimba bose ari abasivire.

Iyo myiyerekano niyo ya mbere ikomeye muri Libani mu myaka irenga icumi, ikaba yitabwe n'abantu bo mu mice yose y'ubuzima bw'igihugu.

Abari muri yo bashavuriye abategetsi ko bananiwe n'ugutorera umuti ikibazo c'ubutunzi bwazingamitswe, ibiciro biguma biduga, ubushomeri burenze urugero, igiturire n'ubutegetsi bubi.

Mu vyo basaba harimwo kurwanya igiturire cagirizwa leta, gutunganya gushasha ubutegetsi bw'igihugu, hamwe n'ugushinga leta nshasha ihuriyemwo bose.

Ibiganiro hagati y'umukuru w'igihugu Michel Aoun n'imirwi y'abashingamateka mu ntumbero y'ugutora umushikiranganji wa mbere mushasha vyitezwe gutangura ejo ku wa mbere.