Uko iyi ntambara ya US-Israel na Iran ishobora gutuma ibiciro by’ibiribwa bizamuka
Sobanukirwa uko umukuru w'uruganda rwa kabiri mu gukora ifumbire ku isi asobanura akaga iyi ntambara iteje ku biribwa bw'ibanze ku isi.
Incamake
- Abantu bo muri Liban barimo guhunga nyuma yaho Israel itegetse ko bava mu midugudu yabo
- Israel irabwira abaturage bo mu midugudu irenga 50 muri Lebanon guhunga
- Iyi ntambara ishobora kumara indwi zine ushika kuri zitanu - Trump
- Ambasade ya Amerika muri Saudi Arabia yagabweho igitero na za 'drones'
- Igisikare cya Israel kiravuga ko Iran yarashe ibisasu bya misile muri Israel
Amakuru y'ikibiriraho
Chancard Abimana, Gisele Berwa & Dinah Gahamanyi
Uko iyi ntambara ya US-Israel na Iran ishobora gutuma ibiciro by’ibiribwa bizamuka

Ahavuye isanamu, Getty Images
Intambara mu burasirazuba bwo hagati yamaze gutuma ibiciro fatizo by’ibikomoka kuri petroli bizamuka ku isoko mpuzamahanga.
Ariko kandi ishobora no gutera ubukene bw’umusaruro w’ibihingwa no kuzamuka kw’ibirico byabyo niramuka ikomeje guhungabanya ubwikorezi bwo mu nyanja ku isi.
Umuhora wa Hermuz nukomeza gufungwa ibi bishobora kuganisha ku izamuka ry’ibiribwa by’ibanze ku isi nk’ibigori, umuceri n’ingano kuko inzira y’amazi ari ingenzi mu gutwara kimwe cya gatatu cya ‘urea’ – ikinyabutabire cy’ingenzi cyane mu ifumbire.
Ibi ni ibyatangajwe mu kinyamakuru World Business Express n’umukuru wa Yara ikigo cyo muri Norway cya kabiri ku isi mu gukora ifumbire.
Svein Tore Holsether yagize ati: "Mu bihingwa bimwe, ushobora kubona kugabanuka [k’umusaruro] kugera kuri 50%.
Ugufungwa k’uriya muhora gusobanuye ko kugeza ‘urea’ aho ikenewe bitagishobotse mu gihe ubu abatunganya ifumbire n’abahinzi henshi ku isi barimo kugura ifumbire yo gushyira mu mirima, nk’uko abivuga.
Insiguro ya video, Reba iyi video umenye uko ingaruka z'iyi mirwano iri mu burasirazuba bwo hagati zishobora kukugeraho kubera uyu muhora Barashaka ibiganiro, navuze ngo “baracyererewe” – Trump

Ahavuye isanamu, Reuters
Perezida Donald Trump amaze kuvuga ku mbuga nkoranyambaga nanone.
“Ubwirinzi bwabo bw’ikirere, Igisirikare cyo mu kirere, ingabo, n’ubutegetsi byagiye”, ni ko yanditse avuga kuri Iran.
Yongeraho ati: “Barashaka ibiganiro. Navuze ngo ‘barakererewe!’”
Trump aravuga ibi mu gihe Amerika na Israel bikomeje intambara na Iran mu karere k’uburasirazuba bwo hagati.
Kuri uyu wa kabiri, Iran na yo yakomeje kurasa mu bice bitandukanye by’ibihugu aho Amerika ifite ibirindiro muri ako karere, ndetse no muri Israel.
Hagati aho kubera iyi ntambara, ibiciro by’ibikomoka kuri peteroli byazamutse mu gihe amasoko y’imari n’imigabane yo yaguye, maze idolari rikazamura agaciro imbere y’andi mafranga y’isi.
Igiciro fatizo cy’akagunguru k’ibitoro bya mbere bitunganyije (Brent benchmark oil) cyageze kuri 85$ ku nshuro ya mbere kigeze aho kuva muri Nyakanga(7) 2024.
Ibihugu byinshi ku isi byiteze ingaruka zishobora gukurikira iyi ntambara mu gihe yakomeza.
Izindi nkuru wasoma:
Umupaka wa Gaza wuguruwe ubwa mbere kuva Amerika na Israel bigavye igitero kuri Irani

Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Ibisasu vya Irani vyafotowe biciye mu kirere hejuru y'igisagara ca Gaza Israel ivuga ko yasubiye kwugurura umupaka mukuru uyihuza n'akarere ka Gaza, inzira ikomeye ituma imfashanyo zishika muri ako karere gasinzikajwe n'intambara, ubwa mbere kuva ikoze ibitero vy'indege kuri Irani.
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n'amashirahamwe atanga imfashanyo bari baragabishije ko kwugara inzira zija muri Gaza bituma Gaza ibura ibifungurwa n'ibitoro. Ubwoba bwari bwatumye ibiciro biduga ku masoko yo muri ico gihugu.
Ikigo kijejwe kwivuna abansi ca Israel, Cogat, kivuga ko kwugara igisagara ca Kerem Shalom vyatewe n'"iterabwoba ry'ibisasu vya misile" rigeramiye abakozi ba Israel n'abanya Palestine. Imbere y'aho, yagumye ishimangira ko ibikenewe "bizomara igihe gito" bihari.
Amakuru ava muri ako karere yabwiye BBC ko amakamyo y'imfashanyo y'abanyapalestina yarungitswe i Kerem Shalom muri iki gitondo ariko ko ataragaruka afise ibifungurwa.
Gushika ubu, urubibe rwa Rafah na Misiri, ari wo nzira nyamukuru ikoreshwa mu gusohokana abarwayi bajanwa kuvurirwa ahandi , uracugaye . Cogat yavuze ko “uzokwugururwa vuba hashoboka mu gihe umutekano uzoba uvyemera.”
Igisirikare ca Israel kivuga ko cateye ibiro vy'umukuru w'igihugu wa Irani
Igisirikare ca Israel kivuga ko igisirikare caco kirwanira mu kirere cateye inyubakwa y'abategetsi ba Irani. Mw'itangazo ryasohowe kuri Telegram, IDF ivuga ko "ibisasu vyinshi" vyatewe ku biro vy'umukuru w'igihugu no mu nama nkuru y'igihugu y'umutekano. Yongeyeko ko inyubakwa z'imyimenyerezo ya gisirikare hamwe n'ibindi bikoresho bihambaye vya leta" na vyo nyene vyatewe. Uwahoze ari umukuru w'ikirenga wa Irani, Ayatollah Ali Khamenei, yakoresheje iyo nyubakwa, nk'uko bivugwa na IDF. Khamenei yiciwe mu nzu yiwe mu mpera z'indwi iheze, mu bitero vya Amerika na Israel.
Ikivuko c'ubudandaji muri Oman catewe n'indege zitagira abadereva

Ahavuye isanamu, UGC
Insiguro y'isanamu, Umwotsi hejuru y'ikivuko ca Duqm Mu gisagara ca Oman, itanki y'igitoro ku kivuko ca Duqm yagabweko igitero c'indege zitagira umudereva , nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru ry'ico gihugu.
Umwe mu bajejwe umutekano atavuzwe izina yavuze ati: "Ivyononekaye vyaciye bishirwa ku murongo ata muntu n'umwe ahasize ubuzima canke ngo ahakomerekere."
Ico kivuko nyene catewe n'indege zitagira umudereva mu mpera z'indwi iheze. Umwe mu bakozi yarakomeretse, nk'uko bivugwa n'ibimenyeshamakuru.
Mu gihugu kibanyi ca Qatar, ku wa mbere harahagaritswe ibikorwa vyo gukora gaz, ahakorerwa hafi ica gatanu c'iyikoreshwa kw'isi yose, inyuma y'ibitero vya Irani ku bibanza vyayo. Arabie Saoudite kandi yahagaritse ibikorwa vy'uruganda rwayo runini rwo gutunganya petroli.
Oman imaze imyaka myinshi ari umuhuza akomeye mu biganiro hagati ya Amerika na Iran - ibiganiro biheruka vyabereye muri ico gihugu mu kwezi guheze, aho umushikiranganji w’imigenderanire ya mbere wa Iran, Abbas Araghchi, yavuze ko ivyo biganiro ari "intango nziza".
Israel ivuga ko ingabo zayo zirwanira hasi zizobandanya kandi zigafata ibindi bice bikomeye muri Libani

Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Umwotsi wabonetse hejuru y'igisagara ca Beirut inyuma y'ibitero vya Israel Twabonye itangazo, ryahinduwe riva mu giheburayo, rivuye ku mushikiranganji w’ukwivuna abansi wa Israel, Israel Katz.
Avuga ko we n’umushikiranganj wa mbere Benjamin Netanyahu “bahaye uburenganzira igirikare ca IDF gutera imbere no gufata ibindi bice vy’ingenzi muri Leban kugira bakingire ibitero ku bisagara vyo ku rubibe rwa Israel.”
Abandanya avuga ati: “IDF irabandanya gukora ibitero bikomeye ku birindiro vya Hezbollah muri Leban. Uyu mutwe w’iterabwoba uriko urariha, kandi uzobandanya kuriha, ikiguzi kiremereye ku bw’ibitero wagavye kuri Israel.”
Katz yongeyeko ko Israel yiyemeje “gukingira ababa mu bisagara vyo ku rubibe,” ati: “Twemereye umutekano abanyagihugu bo mu karere ka Galilee, kandi ivyo ni vyo tuzoshitsa.”
Ivyo tuzi gushika ubu ku ntambara iri hagati ya Amerika- Israel na Irani

Ahavuye isanamu, EPA
Insiguro y'isanamu, Umwotsi uduga mu gisagara ca Beirut inyuma y'ibisasu vyo ku wa 2 ukwezi kwa gatatu - Israel yatanguje "ibitero vy'indege zikomeye" ku co yise "ibibanza vya gisirikare" muri Iran na Liban
- Ibiro vy'uwuserukira Amerika i Riyadh muri arabie saoudite vyatewe n'indege zitagira umudereva (drones) zibiri, nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Arabie Saoudite, bituma haduka umuriro
- Ibinyamakuru vya leta ya Iran bivuga ko inyubakwa y'abasirikare n'abakozi ku kigo ca Amerika kirwanira mu kirere muri Bahrain zasambuwe
- Umwe mubategetsi ba Iran yagabishije ko ashobora "guturira" ubwato bwose bwogerageza guca mu kigobe ca Hormuz , inzira nyamukuru itwara ibitoro kw’isi
- Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Marco Rubio, yavuze ejo ko "ibitero bikomeye cane biri mukuza " vy'igisirikare ca Amerika kuri Iran. Yabivuze inyuma y'aho Donald Trump avuze ko ibitero vyo ku wa gatandatu vyari "amahirwe ya nyuma kandi meza " yo gukuraho "iterabwoba" muri Iran
- Abasirikare batandatu ba Amerika barishwe kuva intambara itangura. Indege zitatu z'intambara za Amerika zarashwe ejo muri Koweit- abari muri izo ndege bararokotse
- Ku musi w'ejo, umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, Keir Starmer, yabwiye abashingamateka ko "atemera ko ubutegetsi bwohinduka biciye mubitero vyindege ". Ariko yaretse Amerika igakoresha ikambi za gisirikare z'Ubwongereza mu kugaba ibitero "mu kwikingira" kuri Iran
Ni ibiki bizokurikira ? Umwanditsi mukuru wa BBC, Jeremy Bowen, yavuze ati: "Haracari kare cane kugira ngo tumenye igihe n'ingene iyo ntambara izorangira."
Igisirikare cya Israel kirimo "kurasira rimwe" i Tehran n'i Beirut

Ahavuye isanamu, IDF
Insiguro y'isanamu, Indege z'intambara za F-35 za Israel ziri mu zirimo kugaba ibitero muri Iran na Liban Ingabo za Israel zemeje ko zarashe ku murwa mukuru wa Iran, Tehran na Beirut muri Liban kuri uyu wa kabiri mu gitondo.
Mu itangazo igisirikare cya Israel cyagize kiti: “Ingabo za Israel ubu ziri kurasira rimwe ibirindiro bya gisirikare i Tehran na'i Beirut”.
Umuvugizi w’ingabo za Israel ukoresha Icyarabu Avichay Adraee yavuze ko barimo gukora ibitero bikomeye byo mu kirere.
Ibi bitero byabaye isaha imwe nyuma yuko IDF isohoye “itangazo riburira kandi ryihutirwa” kubaturage bo mu duce tw’ibyaro tw’amajyepfo ya Beirut, no mu midugudu itandukanye babakangurira guhunga.
IDFyavuze ko iri kwibanda cyane ku bigo by’abategetsi n’ahabikwa ibikoreso bya Hezbollah.
Macky Sall agiye kwitoza mu kibanza c’Umunyamabanga Mukuru wa ONU

Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Macky Sall, yahoze ari umukuru w'igihugu ca Senegal Ukwo kwitoza kw’uwahoze ari umukuru w'igihugu ca Senegal, Macky Sall, mu kibanza c'umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, camaze kwemezwa. Nk’uko umuvugizi w’Inama Nkuru ya ONU abivuga, dosiye yiwe yashikirijwe ku mugaragaro n’Uburundi, ubu bukaba ari bwo burongoye ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika.
Iyi ntambwe itumye Macky Sall yinjira mu bahiganirwa kuzosubirira António Guterres ku burongozi bw’iryo shirahamwe.
Iyi nkuru ije inyuma y’umubonano wabaye mw’ibanga, i Bujumbura, hagati ya Macky Sall n'umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye ku wa 25 Ruhuhuma(2) 2026, aho Reta y’Uburundi itigeze itangaza ivyo baganiriyeko. N'aho uwo mugambi ushigikiwe n'ico gihugu kirongoye ubumwe bwa Afrika uyu munsi, gushika ubu biragoye kumenya igitigiri c'ibindi bihugu bimushigikiye, harimwo no ku mugabane wa Afrika nyene.
Uwo yahoze ari umukuru w'igihugu wa Senegal azobanza kwemeza bagenzi biwe bo muri Afrika imbere yo kurondera gushigikirwa ku rwego mpuzamakungu, mu matora igengwa cane cane n’ibihugu vyamaho bigize inama y’umutekano ya ONU.
Amafoto y'icyogajuru arerekana ibyangiritse k'uruganda rw'ibitoro muri Arabia Saudite rwarashweho na Iran

Ahavuye isanamu, ventor
Insiguro y'isanamu, ifoto igaragaza ahangiritse ku ruganda rutunganya ibikomoka kuri peteroli Amafoto mashya yafashwe n’icyogajuru yasesenguwe na BBC Verify arerekana ko uruganda rukomeye rutunganya ibikomoka kuri peteroli rwo muri Arabia Saudite rwangiritse nyuma y’ibitero bivugwa ko ari ibya drones za Iran.
Aya mafoto, yafashwe uyu munsi na Vantor, agaragaza inkongi n’ibimenyetso by’ubushyuhe bukabije bikikije iminara ikonjesha iri mu gice cyo hagati cy’uruganda rutunganya ibikomoka kuri peteroli, ruherereye mu mujyi wa Ras Tanura mu burasirazuba bw’igihugu.
Ako gace karimo imiyoboro myinshi ihuza ibigega bitandukanye n’icyambu cyo hagati cy’aho hantu, gisanzwe gishobora kuzuza amato ane atwara ibikomoka kuri peteroli icyarimwe.
Urwo ruganda rufite ubushobozi bwo gutunganya utugunguru tw'ibitoro 550,000 ku munsi umwe.
Ibiciro by'ubwikorezi bw'ibitoro byazamutse kandi abasesenguzi baburiye ko iyi ntamabara nikomeza ibiciro by'ibikomoka kuri peteroli biza kuzamuka ku masoko kw'isi.
Ibiciro by’ibitoro bishobora kuzamuka no ku masoko ya Afurika mu gihe Afurika yo munsi y’ubutayu bwa Sahara ibitoro ikoresha hafi 10% biva muri Arabia Saoudite, naho 15% bikava muri Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu.
Uretse kuba inganda z’ibi bihugu zibitunganya zirimo kuraswaho, amato atwara akura ibitoro muri ibi bihugu byombi, hamwe n’ibindi byo mu kigobe cy’abarabu agomba guca mu muhora wa Hermuz ubu yose arimo kwirinda kubera iyi mirwano.

Ahavuye isanamu, ventor
Insiguro y'isanamu, Ifoto yerekana kwangirika ku ruganda rutunganya ibikomoka kuri petrol rwa Arabia Saoudite Izindi nkuru wasoma:
Abantu bo muri Liban barimo guhunga nyuma yaho Israel itegetse ko bava mu midugudu yabo
Abantu barimo kuva mu ngo zabo bahunga nyuma y'uko ingabo za Israel IDF zibwiye abaturage bo mu midugudu irenga 50 kwimuka bagahunga.
Aya ni amashusho y'umubyigano w'imodoka i Beirut na Sidon ubwo abantu bavaga mu byabo bahunga.

Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Abantu bava mu majyepfo ya Beirut batwaye imodoka zabo. 
Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Ahandi hantu, muri Sidon, abantu bimuka byateje umuvuduko w'imodoka 
Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Itegeko ryo kwimura abantu ryatanzwe mu masaha ya kare yo kuwa kabiri mu gitondo Ivy'akakanya, Israel irabwira abaturage bo mu midugudu irenga 50 muri Lebanon guhunga
Israel yategetse abaturage bo mu mijyi n'imidugudu irenga 50 muri Liban guhunga ibaburira ko hagiye gukorwa ibitero.
Abantu bo mu turere twagaragajwe bagomba kwimuka bakava aho bari bakajya nibura metero 1.000 kuva aho batuye.
Uyu muburo wa Israel uragira uti: “Ku bw’umutekano wanyu, mugomba guhita muva mu ngo zanyu mukimukira nibura muri metero 1,000 uvuye mu midugudu.
"Umuntu wese uri hafi y'abanyamuryango ba Hezbollah, ibikoresho byayo cyangwa imitungo yayo ya gisirikare aba ashyira ubuzima bwe mu kaga."
Imidugudu yashyizwe ku rutonde ni: Sarifa, Maaroub, Selaa (Tiro), Debaal, Bafliyeh, Barish, Arzoun, Qlayleh, Al-Shahabiya (Tayr Zibna), Dardghaya, Bastiyat, Arab Salim, Housh al-Rafqa, Yahmar (West Bekaa), Maydounh . Shaqra, Houla, Baraachit, Bint Jbeil, Jmaijmeh, Aitaroun, Safad al-Battikh, Al-Bazourieh, Aaynata, Hanawiya, Jannata, Burj al-Shamali, Maarakeh, Siddiqine, Al-Majadel, Wadi Jilo, Drouiss (Baalbek), na Mais al-Jabal.
Izindi nkuru wasoma:
Ibiciro vyo gutwara ibitoro vyaduze cane

Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Ubwato bunini butwara Ibitoro Igiciro co gukodesha ubwato bunini cane butwara peteroli buva mu Burasirazuba bwo Hagati buja mu Bushinwa cashitse ku rwego rutigeze rubaho, kirenga amadolari 400.000, nk’uko amakuru ava ku kigo kiraba isoko ry’imigabane ryo mu Gisagara ca Londres, mu bwongereza, abivuga.
Ico gitigiri kingana n'incuro zibiri ugereranije n'uko cari mu ndwi iheze igihe Amerika yari yateye ubwoba ko ishobora gutera Irani.
Irani yarateye ubwato buriko buraca mu kigobe ca Hormuz, inzira y'amazi ikomeye mu bumanuko bw'ico gihugu, aho hafi ica gatanu c'ibitoro na gaz vyo kw'isi bicishwa .
Ayo mahera ni ayo ku bwato bunini butwara ibitoro, bushobora gutwara utugunguru imiriyoni zibiri tw'ibitoro.
Ivyo biciro biri mu bimenyetso vyerekana ukuntu ibiciro biriko biraduga kuva aho habereye ibitero vya Isirayeli na Amerika kuri Irani mu mpera z’indwi iheze.
M23 yigambye igitero ku kibuga cy’indege cya Kisangani inaca amarenga yo guhorera Willy Ngoma

Ahavuye isanamu, M23
Insiguro y'isanamu, Willy Ngoma wari umuvugizi wa gisirikare wa M23 yishwe n'igitero cya drones z'ingabo za leta i Masisi hafi ya Rubaya Umutwe wa AFC/M23 watangaje ko ari wo wakoze igitero cyo “gushwanyaguza drones ziteguraga guhaguruka ngo zijye kurasa ku basivile n’ibirindiro byacu”, mu gitero cyakozwe ku cyumweru ku kibuga cy’indege cya Bangboka cy’umujyi wa Kisangani.
Ubutegetsi bw’intara ya Tshopo bwashinje umutwe wa M23 n’u Rwanda kugaba ibitero bya ‘drones’ kuri icyo kibuga cy’indege za gisivile, kandi ko babashije gushwanyaguza enye muri zo zitaragera ku ntego.
Mu itangazo, umutwe wa AFC/M23 washinje ubutegetsi bwa Kinshasa gukoresha drones z’intambara mu kurasa ibice bituwe no “kubiba iterabwoba mu basivile”.
Ibitero biheruka by’indege za drones byo mu cyumweru gishize i Masisi byahitanye abarimo umuvugizi wa gisirikare w’uyu mutwe Lt Col Willy Ngoma n’abandi barwanyi bari kumwe na we.
Mu itangazo ryo mu ijoro ryacyeye ry’umuvugizi wa AFC/M23 Lawrence Kanyuka, yavuze ko ibitero bigamije gusenya ‘drones’ z’ingabo za leta bizakomeza niba ubutegetsi bwa Tshisekedi “butaretse ibitero by’ubwicanyi ku basivile” mu bice M23 igenzura.
Igisirikare cya Congo kivug ako gikora ibitero bisubiza ibya M23 bigamije kurwana n’uyu mutwe w’inyeshyamba, mbere cyagiye gihakana kugambirira kwica abaturage mu bindi bitero nk’ibi by’indege za drones.
Mu itangazo, Kanyuka yakomoje ko uyu mutwe wibuka “amaraso y’abanyagihugu bacu benshi bishwe”, abarwanyi babo bishwe “barimo umuvugizi wacu Lt Col Willy Ngoma”, ko “atazibagirana cyangwa ngo agende bucece”.
Iyi ntambara ishobora kumara indwi zine gushika kuri zitanu - Trump

Ahavuye isanamu, AFP
Insiguro y'isanamu, Perezida Donald Trump Perezida Donald Trump yavuze ko iyi ntambara ishobora kumara “indwi zine gushika kuri zitanu" mu gihe imigambi yiwe kuri Iran irimwo;
- Gusambura umugambi wyao wo gukora ibigwanisho ruhonyanganda
- Gusambura igisirikare kirwanira mu mazi
- N'ukuyaka ubushobozi bwo gukora ibigwanisho ruhonyanganda
Ijambo rya mbere rya Perezida Donald Trump ku bijanye n'intambara muri Iran ryatanze ibimenyetso bike ku migambi yiwe y'igihe kirekire afitiye Iran inyuma y’iyo ntambara.
Ubu, Trump yerekanye ko yiteguriye kuyibandanya igihe kirekire nivyakenerwa. Yavuze ati: “Igihe cose bizotwara, nta kibazo. Ico cose bizosaba, tuzogikora.”
Ntiyashikirije ico yiyumvira ku bijanye na kazoza ka politike ya Iran, ikibazo gikomeye muri iki gihe Amerika yishe umukuru w'igihugu Ayatollah Ali Khamenei, kandi bikaba bitaramenyekana uwuzomusubirira.
Trump kandi ntiyatanze insiguro y’ingene Amerika izokwitwara mu gihe iyo ntambara yokwaguka igahinduka intambara y’akarere kose.
Uburyo Trump ariko arashikiriza amakuru ku bijanye n’iyo ntambara buratandukanye n’uko vyahora bikorwa.
Mu misi iheze, abakuru b'ibihugu ba Amerika bahora bashikiriza ijambo rikomeye ku gihugu cose basigura imvo zatumye baja mu ntambara.
Trump ntarashikiriza ijambo nk’iryo gushika ubu, kandi ku wa mbere ntiyerekanye ko hari ijambo nk’iryo rishobora gushikirizwa mu misi iri imbere.
Izindi nkuru wasoma:
Ambasade ya Amerika muri Saudi Arabia yagabweho igitero na za 'drones'

Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Igitero cya Amerika muri Arabiya Sawudite Minisiteri y’Ingabo ya Arabia Saoudite yemeje ko ambasade ya Amerika i Riyadh yagabweho igitero n’indege ebyiri zitagira abapilote (drones).
Mu itangazo ryashyizwe ahagaragara ku rubuga rwa X, iyi minisiteri yavuze ko ibi byateje "inkongi ntoya hanangirika ibintu bimwe mu bikoresho byo muri iyo nyubako".
Ambasade ya Amerika yategetse abakozi bayo muri iki gihugu kuguma mu ngo zabo mu mijyi ya Jeddah, Riyadh, na Dhahran kubera ikibazo cy’umutekano.
Ubwo butumwa byranavuga kandi ko hagabanyijwe ingendo zitari ngombwa zijya ku birindiro bya gisirikare muri ako gace, nk'uburyo bwo kwirindaku mpamvu z'umutekano.
Donald Trump yabwiye televiziyo ya NewsNation ko Leta Zunze Ubumwe za Amerika zigiye kwihorera "vuba cyane" nyuma y'igitero cyagabwe kuri ambasade ya Amerika i Riyadh n'urupfu rw'abasirikare b'Abanyamerika.
Ku wa mbere nijoro, Amerika yatangaje ko abasirikare batandatu ba bicyo gihugu bamaze gupfa, abandi 18 barakomereka.
Izindi nkuru wasoma:
Igisikare cya Israel kiravuga ko Iran yarashe ibisasu bya misile muri Israel

Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Ingabo za Israel zivuga ko zaburijemo ibisasu bya misile bya Iran byarashwe i Heburoni Igisirikare cya Isiraheli kiravuga ko Iran yateye ibisasu bya misile mu turere twinshi twicyo gihugu kikavuga ko abaturage bohererejwe ubutumwa kuri telefoni hirya no hino mu gihugu kugira ngo bashake ubwihisho nyuma y'uko Iran iteye ibisasu bya misile mu turere twinshi twa Israel.
Ingabo za Israel (IDF) zivuga ko sisitemu zo kurinda ikirere zirimo "gukora kugira ngo zihagarike icyo kibazo".
Ibi bibaye nyuma yaho Israel nayo yagabye igitero ku kinyamakuru cya leta cya Iran.
Umuyobozi w’ishami rishinzwe itangazamakuru rya Repubulika ya Irani (IRIB), Peyman Jebeli, avuga ko ibice by’imbere mu nyubako z’ikigo cy’itangazamakuru i Tehran byangiritse.
(IDF) iravuga ko yarasheho icyo kinyamakuru kizwi nka IRIB.
Inyandiko yashyizwe ku rubuga rwa IDF Perse X igira iti: "Ingabo za Israel zibasiye ikigo cya Repubulika ya Kiyisilamu cya IRIB, ikigo kivuga ibinyoma cya IRGC n'ikandamiza."
Kuwa mbere ibitangazamakuru byo muri Iran byatangaje ko inyubako zimwe na zimwe z'ikigo cy'itangazamakuru cya leta zari zatewe.
Icyo kinyamakuru cya leta cyaibasiwe na Israel mu ntambara y'iminsi 12 hagati ya Iran na Israel muri umwaka ushize.
Izindi nkuru wasoma:
Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.
