RD Congo yatanguye kuburanisha abantu 25 bafitaniye isano na M23

Ahavuye isanamu, Corneille Nangaa
Abategetsi ba Repubulika ya Demokarasi ya Congo ejo ku wa gatatu batanguye kuburanya Corneille Nangaa, yahoze arongoye umurwi w’igihugu ujejwe amatora.
Nangaa ariko aburanywa atariho ari ku caha co gushinga no kurongora Alliance du Fleuve Congo (AFC), urunani rwa poritike na gisirikare, harimwo n’umuhari M23.
Urunani rwiwe ruriko rurarwanya igisirikare ca DR Congo mu buseruko bw’igihugu, aho inyeshamba zarwo zigaruriye uduce two mu ntara ya Kivu ya Ruguru.
Hampande ya Nangaa, hari kandi abandi 24 bariko baraburanywa. Hagati aho, batanu bonyene ni bo barengutse imbere ya sentare ya gisirikare kw’ibohero rya Ndolo ku mugwa mukuru Kinshasa.
Mu bandi bariko baraburanywa, benshi batahari, harimwo:
- Sutani Makenga, umukuru wa gisirikare wa M23
- Bertrand Bisimwa, umukuru w’ishami rya politike rya M23
- Willy Ngoma, umuvugizi wa gisirikare wa M23
- Lawrence Kanyuka, umuvugizi wa M23
- N’abandi baheruka kwinjira mu muhari AFC barimwo;
- Adam Chalwe
- Yannick Tshisola
- Jean-Jacques Mamba
- Alumba Lukamba
- Henrie Maggie
Umushingwamanza wabo yawiye BBC amakenga afise kw’iburanywa ry’aba bantu, aho avuga ko ari nka hamwe bokwagirwa n’icaha, bashobora guhanishwa igihano c’urupfu.
Aba bashizwe imbere y’intahe bagirizwa ivyaha vy’uguhemukira igihugu mu gukorana n’igihugu co hanze mu ntumbero yo guhungabanya DR congo.
Abahinga ba ONU baherutse kwagiriza Urwanda na Uganda ko bifashe mu mugongo M23, ibirego ibi bihugu vyompi bihakana.
Ku ncuro ya kabiri, America n’ibihugu bikorana mu karere vyarashoboye gushika ku masezerano y’agahengwe k’imisi 15 hagati y’igisirikare ca Congo n’inyeshamba za M23. Ariko karacamwo ku rubuga rw’intambara bakarasana, buri ruhande rukagiriza urundi kurenga ku masezerano y’agahengwe.
Nk’uko amashirahamwe ajejwe ubutabazi abivuga, abantu barenga imiriyoni zibiri barataye izabo kubera intambara, ubu bakaba bakeneye ubufasha.













