Umugore wo muri Korea y'epfo n'abaganga bagiriwe n'icaha co kwica umwana akivuka

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Jake Kwon
- Igikorwa, Seoul Correspondent
- Umwanditsi, Koh Ewe
- Umwanditsi, Leehyun Choi
- Igikorwa, Seoul producer
- Igihe co gusoma: iminota 3
Sentare muri Korea y'epfo yakubise intahe mu gahanga umugore n'abaganga biwe babiri ku caha co kwica uruhinja yari ahejeje kwibaruka.
Uwo mugore yashaka gukorora inda y'indwi 36 - ariko abashikirizamanza bavuze ko umwana yari yavutse akomeye yicwa mu nyuma.
Umuganga yamubaze hamwe n'umuyobozi w'ivyo bitaro umwe yaciriwe gupfungwa imyaka ine uwundi itandatu, mu gihe uwo mugore nawe yahanishijwe gupfungwa imyaka itatu ariko atajanywe mw'ibohero.
Urwo rubanza rwakurikiraniwe hafi na benshi muri Korea y'epfo, aho gukorora inda bidafise amategeko atomoye abigenga. Kuva mu 2019 reta yakuyeho itegeko ribihana ariko ntihigeze habaho itegeko ritomoye ryerekana ingene uwibungenze ashobora kuvyifatamwo muri co gihe cose aba yibungenze.
Kugabisha: iyi nkuru irimwo ibintu bishobora guhungabanya abasomyi bamwe bamwe
Urubanza rw'uyu mugore afise imyaka iri muri 20 akaba azwi kw'izina rya Kwon, hamwe n'abaganga biwe, rubaye urwa mbere aho umugore ariko agerageza gukurayo inda y'amayinga menshi yagirizwa icaha co kwica, hamwe n'abaganga babigizemwo uruhara.
Mu rubanza rwa Kwon, abashingwamanza bavuze ko umwana yari yavutse akomeye inyuma y'uko uwo mugore yibarutse babanje kumukora. Uwo mwana ngo baciye bamushira mu cuma gikanyisha gushika apfuye.
Kwon avuga ko atari azi ko bintu bizogenda gurtyo.
Muri 2024, yashize kuri You Tube videwo ku kungene yakuyeyo imbanyi imaze indwi 36. Iyo videwo yatumye abantu bamwiyamiriza mu kivunga, ubushikiranganji bw'amagara na bwo buca buramwitwarira. Igipolisi caciye gitanguza amatohoza kuri we no ku muganga wiwe.
Abashikirizamanza bavuze ko inyuma y'aho uwo mwana avukiye akomeye, umukuru w'ibitaro n'umuganga yabaze Kwon baciye bamushira mu cuma gikanyisha, aca apfirayo.
Abo bashikirizamanza bashimangira ko abakozi bo kuri ivyo bitaro baciye bahindura impapuro zo kwa muganga za Kwon kugira zerekane ko yavyawe umwana yapfuye.
Mu rubanza, umukuru w'ibitaro n'umuganga yakoze (yabaze) Kwon baremeye ko bishe uwo mwana. Baciye bafatwa ubwo nyene inyuma y'aho umucamanza yari ahajeje gusoma urubanza.
Umushikirizamanza avuga ko ibi bitaro vyoba vyaronse umuriyaridi n'imiriyoni amajana ane z'ama won (amafaranga yo muri Korea y'epfo) kugira bifashe gukorora inda ku bagwayi barenga 500. Abo bagwayi, nka Kwon, bashikanywe kuri ibi bataro n'abaranzi.
Mu kwezi kwa mbere, abashikirizamanza basabiye umukuru w'ibitaro igihano co gupfungwa imyaka 10, n'igihano c'imyaka 6 kuri Kwon hamwe n'umuganga yamukoze.
Umunyamategeko yunganira Kwon yasiguye ko uwo aburanira atari azi ko umwana aca yicwa bamaze kumukura mu gitereko.
Kwon yabwiye sentare ko yamenye ko yibungenze imbanyi imaze amezi indwi kandi ko yasavye kuyikorora kubera ata kazi kamaho afise. Yibaza kandi ko umwana yari gushobora kuvukana ubumuga kubera yagumye anywa inzoga nyinshi n'itabi igihe yari yibungenze.
Ku musi wa gatatu, umucamanza yaramenye ko Kwon yari yamenyeshejwe n'abaganga ko umwana wiwe yari akomeye, kandi ko biciye mu bipimo vy'uwibungenze bizwi nka échographie yumvise n'umutima wiwe utera. Umucamaza ashimangira ko Kwon yari azi neza ko umwana azovuka akomeye biciye mu kubagwa n'abaganga.
N'aho biri uko, umucamanza yongerako ko kuba ata mategeko atomoye ahari muri Korea y'epfo yerekeye ibijanye no gukorora inda n'ingene abantu bakwiye kuvyifatamwo, sentare yabifatiyeko mu gucira urubanza Kwon, kubera atashoboye kuronka ubufasha ku bijanye n'ukwibungenga kwiwe yamenye haciye amezi menshi.
Umucamanza yavuze ko n'ubwo iki cari icaha gikwiye igihano gikomeye, bashizemwo impuhwe bisunze ko ikibano kidashigikira abagore bari mu bihe nk'ibi.
Mu 2019, sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro muri Korea y'epfo yafuse ingingo yari imaze igihe kirekire ibuza gukorora inda, ica iha abashingamateka gushika muri 2020 kugira bazobe basubiyemwo itegeko. Iyo sentare yasavye abashingamateka kurisubiramwo kugira rihe uburenganzira abipfuza gukorora inda zimaze igihe gishika ku mayinga 22.
Mu 2020, reta yateguye integuro y'itegeko itanga uburenganzira bwo gukorora inda gushika ku mayinga 14 canke - amainga 24 iyo hari imvo zidasanzwe, nk'izijanye n'amagara canke ugutwara inda inyuma yo gufatwa ku nguvu.
Ariko iyo nteguro ntiyashoboye kwemezwa n'inama nshingamateka, kubera abashingamateka b'aba conservateur bayiyamirije ku mvo z'ukwemera kwabo.
Igihe ugukuraho ingingo ibuza gukorora inda vyaba ntabanduka muri 2021, igihugu nta tegeko cari gifise ritunganya ibijanye no gukorora inda.










