RDC - Lualaba: Ikirombwe ca 'cuivre' na 'cobalt' cyarindimutse gihitana abarenga 30

Ahavuye isanamu, AFP
Abantu 32 barapfuye inyuma y'aho ikirombwe gicukurwamwo ubutare bwo mu bwoko bw'umujumbu (cuivre) na cobalt kirindimutse, mu kigwati ca Mulondo, mu karere ka Mutshatsha, mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Kongo.
Amakuru ava muri ako karere avuga ko iri sanganya ryoba ryatewe n'imishamirano hagati y'abasirikare bacunga ahabera ibikorwa vyo gucukura n'abanyagihugu batobato bakorera mu birombwe.
Amakuru yemeza ko abasirikare bahavuye barekura urudavagi rw'amasasu mu ntumbero yo kugerageza gushwiragiza abo banyagihugu, bituma haba umusunikano no kucanacanako, bamwe batibukira mu birombwe mu kivunga.
Benshi mu bahasize ubuzima, ni abacukura bakoresheje ubuhinga bubayabaye.
Avuga kuri iryo sanganya, kuri uwu w'Imana, umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu ntara ya Lualaba, Roy Kaumba Mayonde yagize ati:
"Hambavu y'uko bibujijwe kwinjira muri ako gace kubera imvura nyinshi n'ivyago vy'uko hashobora kuba irindimuka ry'umusozi, abacukura batemewe n'amategeko bacishije ahabo binjira mu birombwe".
Abandanya ati:"Kujabuka mu buryo bwihuse cane bw'abacukura" kwatumye haba isenyuka ry'ikiraro c'imfatakibanza bari bashizeho kugira bashobore kurengana agace kari katewe n'imyuzure.

Inzego zivuga ko gushika ubu imibiri y'abantu 32 ari yo imaze gutorwa, mu gihe ibikorwa vy'ubutabazi no kurondera bikibandanya.
Ifoto zihanahanwa ku mbuga ngurukanabumenyi zerekana ibiziga vy'abacukura ubutare vyatowe mu kibanza cabereyemwo isanganya, abanyagihugu bo mu micungararo bariko barabiraba bajumarariwe.
Mw'itangazo zasohoye, inzego zitera akamo abacukuzi b'ubutare batobato kwijukira inyigisho za reta zijanye n'urudandazwa rushingiye ku burimyi mu ntumbero yo kwirinda kwita mu kaga ko kwinjira mu birombwe bacukura ubutare hadakurikijwe amategeko.
Amasanganya nk'aya mu birombwe asa n'ayamaze kumenyerwa muri Repubulika ya Demokarasi ya Kongo, aho abantu bari hagati ya miriyoni 1.5 na 2 bakorera mu birombwe bitemewe n'amategeko, bigatangwa umwimbu w'ubutare bwo mu bwoko bw'umujumbu, cobalt n'ubundi bukenerwa cane kw'isoko mpuzamakungu.













