RD Congo: Imirwi ibiri ya Wazalendo yarwanye i Butembo abababa cumi barapfa

Ahavuye isanamu, UGC
Amakuru ava mu gisagara ca Butembo c'intara ya Kivu ya Ruguru avuga ko abantu hafi cumi bapfuye mu mishamirano yadutse hagati y'imirwi ibiri y'abarwanyi ba Wazalendo.
Nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru RFI, iyi mishamirano yadutse ku wa 3 Ntwarante (3), ikaba yamaze amasaha atari make ku mitumba ya Kimemi muri ico gisagara.
"Birateye isoni. Nimba koko bakunda igihugu, bategerezwa kudufata mu mugongo", niko umuvugizi w'igisirikare muri ako karere avuga, aho muri videwo yacishije ku mbuga hwaniro amenyesha ko bazi batandatu bapfuye.
Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yoyo avuga ko hapfuye abashika cumi ku mpande zompi.
Amakuru avuga ko imishamirano yatanguye ku muhingamo wo ku wa mbere itariki 3 Ntwarante, ikaza gusubira mw'ijoro buca ari ku wa kabiri, ivyateye ubwoba ababa muri ico gisagara.
Inyanduruko y'iyi mishamirano hagati y'abarwanyi ba runo runani gushika ubu ntiramenyekana.
Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike akavuga ko vyabaye umurengera, mu gihe bategerezwa kuba bari ku rugamba, akagiriza abategetsi ko ataco bakora kugira ngo basubize ibintu mu buryo.

Ahavuye isanamu, AFP
Wazalendo ni urunani rwatangujwe mu 2023, rukaba ruhurikiyemwo imihari y'inyeshamba ishigikiye ingabo za reta mu buseruko bwa Congo, mu rugamba rwo kurwanya inyeshamba z'umuhari M23 uvugwa ko ushiikiwe n'Urwanda.
Iyi mishamirano yadutse mu gihe M23 kuva mu ndwi nkeya ziheze ibandanya isagiriza Butembo, aho ubu ihanganye n'ingabo za reta ku birometero bidashika 100 mu bumanuko bw'iki gisagara.
Uno muhari umaze kwigarurira uturere tutari duke tw'intara za Kivu ya Ruguru n'iy'Epfo kuva usubiriye gutangura intambara, hari mu mpera z'umwaka wa 2021.
Utwigoro tw'amahoro duhagarariwe n'ibihugu vy'akarere gushika ubu ntaco turashobora gushikako. Ni mu gihe n'abarongoye amadini nabo bakenyeye mu gufasha kugarukana amahoro muri aka karere k'ubuseruko bwa Congo kamaze imyaka hafi 30 karangwamwo indyane.
Inyuma y'imibonano n'abanyaporitike batandukanye hagati mu gihugu, harimwo na AFC/M23, be no ku mugabane wa Bulaya, abagize inama y'Abepiskopi Gatorika ya Congo (CENCO), bari kumwe na bagenzi babo b'Abaporotesanti (ECC), barabandanya imibonano yabo n'abategetsi b'ibihugu vy'akarere muri iyo ntumbero.
Ejo ku wa 4 Ntwarante barakiriwe na Perezida Yoweri Museveni wa Uganda, inyuma y'imisi mike yari ihaciye bakiriwe na Perezida Denis Sassou Nguesso wa Congo Brazzaville, n'imbere y'aho na Perezida William Ruto wa Kenya.
Intumbero yabo ikaba ari uguhimiriza abategetsi b'akarere kugira ngo bafashe mu gutorera umuti indyane zibangamiye akarere.
Nubwo mu ntango bamwe mu banyaporitike begereye ubutegetsi bwa Congo batabona ryiza utwigoro twabo, cane cane inyuma yo kubonana n'abarongoye urunani AFC/M23 ruhanganye na reta, Perezida Félix Tshisekedi yoba yaremeye na we nyene kwongera kubakira, kugira ngo bamushikirize icegeranyo c'imibonano bamazemwo imisi n'abategetsi b'akarere, nk'uko bivugwa na Éric Senga, umuvugizi wa ECC.
Imbere y'uko bashikiriza iki cegeranyo cabo, aba barongoye amashengero bahurikiye muri uru runani CENCO-ECC biteze kubanza kubonana na Perezida João Lourenço wa Angola, nk'umukuru w'Ubumwe bwa Afrika, Perezida Emmerson Mnangagwa wa Zimbabwe, arongoye ihuriro ry'abakuru b'ibihugu vya SADC, hamwe na Evariste Ndayishimiye w'Uburundi, igihugu kibanyi carungitse ingabo gufasha reta ya Congo kurwanya inyeshamba ziyigeramiye.













