Ukraine: Putin yakoze urugendo rudasanzwe muri Irani

Ahavuye isanamu, Getty Images
Prezida Vladimir Putin w’Uburusiya ari muri Irani kuri uno wa kabiri, mu rugendo rwiwe rugize kabiri hanze kuva atanguye igitero ciwe kuri Ukraine mu kwezi kwa kabiri.
Putin yahuye na Prezida wa Irani, Ebrahim Raisi, agishika i Tehran, akaba kandi yitezwe guhura n’umutegetsi w’ikirenga wa Irani Ayatollah Ali Khamenei n’umukuru w’igihugu ca Turukiya Recep Tayyip Erdogan.
Ibibazo vyo gushora intete hanze, ivya Syria na Ukraine bizoganirwako i Tehran, nk’uko umutegetsi wo muri reta ya Turukiya abivuga.
Ibi bikurikiye ivyagiriji vya Amerika vyo mu ndwi iheze vy'uko Irani igire ironse Uburusiya indege za drone zishika amajana zo gukoresha mu rugamba muri Ukraine.
Ahejeje kubonana na Bwana Raisi, Bwana Putin yavuze yuko imigenderanire hagati y'Uburusiya na Irani iriko "iratera imbere ku ntambwe nziza".
Bwana Putin yavuze yuko ibihugu vyombi biriko birakomeza ugukorana mu bisata nk'ivy'umutekano mpuzamakungu, urudandaza no "guheraheza ikibazo ca Syria".
Umukuru w’igihugu c’Uburusiya akora ingendo mpuzamakungu nke mu bihugu vyahoze bigize ubutegetsi bw’igisoviyeti kuva intambara yadutse muri Ukraine.
Mu kwa gatandatu, Putin yakoze urugendo rwiwe rwa mbere mu makungu kuva mu kwa kabiri igihe agendera ibihugu vya Tajikistan na Turkmenistan, vyompi vyari mu cahoze citwa URSS/USSR ubu bikaba bitwarwa n’ubutegetsi bw’agahotoro kandi bikaba ari incuti z’Uburusiya.
Uru rugendo rwo kuri uno wa kabiri ruza guha akaryo Perezida Putin ko gutsimbataza ubucuti na Irani, igihugu kiri muri bike bigisigaranye imigenderanire na Moscou kandi gisangiye ibihano vy’ubutunzi vyafashwe n’Uburengero.
Uru rugendo ruje inyuma y’ivyavuzwe n’abategetsi ba Amerika mu ndwi iheze ko Tehran yariko itegura guha Uburusiya amajana n’amajana ya za ndege zitagira abadereva (drones) bushobora gukoresha mu ntambara yabwo muri Ukraine.
Mu kiganiro n’abanyamakuru kuri uyu wa mbere, Yuri Ushakov, umuhanuzi mukuru wa Putin mu vy’imigenderanire, avuga ati: "Umubonano na Khamenei ni kirumara cane.
"Ibiganiro vyizewe vyarateye imbere hagati yabo ku bibazo nyamukuru hagati y’ibihugu vyompi be no ku rwego mpuzamakungu”.

Umwihwezo wa Steve Rosenberg
Umwanditsi mukuru wa BBC ku Burusiya
Gutera umubanyi wawe, igihugu cikukiye, bitera bigutesha abagenzi.
Uburusiya bumaze gutakaza incuti zitari nke inyuma y’uko buteye Ukraine. Mu burengero, Moscou yaragizwe igicibwa.
Ariko Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu w’Uburusiya) irashaka cane kwerekana ko ibihano yafatiwe n’amakungu vyananiwe no kwigizayo Uburusiya, igihugu ca mbere kinini kw’isi, kandi ko mbere n’ibihugu bimwe bimwe vy’incuti bikiri kumwe nayo. Ibi ni nka Turukiya na Irani.
Uburusiya buzokoresha iri koraniro ry’ibihugu bitatu kuri Syria mu kugerageza kwerekana ko bugisigaranye incuti zikomeye kandi ko bugifise ijambo muri politiki y’isi.
Ariko ngaha ntituriko tuvuga ko ibi ari incuti pfa mpfe. Turukiya na Irani navyo nyene ni abakeba b’Uburusiya. Turukiya n’Uburusiya bishigikiye impande zishamiranye muri Syria no muri Libya; biriko birahiganira gushinga imizi mu bumanuko bw’akarere ka Caucase; ‘drones’ z’intambara za Turukiya ziriko zirafasha igisirikare ca Ukraine. Hanyuma kuri Irani nayo, iriko irahiganwa n’Uburusiya kw’isoko mpuzamakungu y’amasoko ntanganguvu.
Ni vyo, Uburusiya, Turukiya, na Irani birafise inyungu rusangi zimwe zimwe. Ariko ibi ntibisigura ko bifitaniye ubugenzi bw’igihe kirekire.

Turukiya n’Uburusiya vyashigikiye impande zishamiranye mu ntambara ya Syria bikaba biriko birarondera ingene indyane zigabanuka kuva mu mezi aheze.
Ariko iyi nama ije mu gihe Turukiya igabisha ko ishobora gutangura igitero gishasha mu buraruko bwa Syria ku nyeshamba z’aba-kurd zishigikiwe na Amerika, ingingo Irani n’Uburusiya vyompi vyiyamiriza. Iki gitero kiri mu nteguro za Perezida Erdogan zo gushinga akarere gatekanye k’ibirometero 30 ku rubibe Turukiya ihana na Syria.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu ndwi iheze, Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano yarumvikanye gusubira kurungika imfashanyo mu turere twa Syria turi mu minwe y’inyeshamba mu kiringo c’amezi atandatu. Uburusiya bwarahagaritse iciyumviro c’uko ico gikorwa cobandanya mu kiringo c’umwaka wose.
Ankara (umugwa mukuru wa Turukiya) yaranse gufatira ibihano Moscou kuva Putin atanguye igitero kuri Ukraine ku wa 24 Ruhuhuma (2), reta ya Erdogan ikaba irondera kuba umuhuza.
Iyi nama ishobora guha akaryo umukuru w’igihugu ca Turukiya ko kugerageza gushika ku masezerano hagati y’abategetsi b’Uburusiya na Ukraine kugira ngo intete ziharurwa mu matoni imiriyoni 22 zikenewe cane kw’isi zishobore gushorwa hanze.
Mu ndwi iheze, umushikiranganji wa Turukiya ajejwe kwivuna abansi yavuze ko impande zompi zari zumvikanye ku kungene amayira ashobora gucishwamwo amato y’ingano yokingirwa.
Amato y’intambara y’Uburusiya mu Nyanja Yirabura (Mer Noire/Black Sea) avugwa ko azibira ibidandazwa bisohoka canke vyinjira, mbere BBC yashoboye kuronka ivyemezo vyinshi vyerekana ko ingabo za Moscou zivye zigashora hanze ingano za Ukraine. Ayandi mayira yaratezwemwo amamine menshi.
Ushakov ati: "Ikibazo c’intete za Ukraine kiraganirwako na Erdogan. Turiteguye kubandanya ibikorwa kuri iki kibazo".
Ariko ibi biganiro bije mu gihe abategetsi b’akarere be n’abarimyi hafi y’akarere kaberamwo intambara bagiriza Uburusiya ko butera amabombe n’ibigirankana imirima y’ingano.
Oleh Pylypenko, umunyaporitike w’akarere mu bumanuko bwa Ukraine akaba yahoze ari impfungwa y’Uburusiya, yabwiye BBC ko abarimyi mu karere kiwe hafi y’igisagara ca Mykolaiv kiri mu bumanuko bakibandanya baterwa vya muzinga n’ibisasu vya misire vy’urutavanako.
Avuga ko ingabo z’Uburusiya "zateye amabombe imirima, amamashini yo kurima hamwe n’ububiko bw’intete”, kandi ko abarimyi benshi “bakozweko ivyo bitero mbere baranakomereka”.
Yongerako y’uko "abajejwe kuzimya imiriro mu gisagara ca Mykolaiv batinya kujayo kubera kwoba ari ukwiroha. Imiriro myinshi yarazimijwe ku twigoro twacu. Ariko ubu rero amabombe ariko ariyongera”.










