Trump 'yakuye mu mabanga abaserukira Amerika mu Burundi, mu Rwanda, no mu bihugu bishika 30'

Donald Trump

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, Chancard Abimana
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango
  • Igihe co gusoma: iminota 2

Prezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika yakuye mu mabanga abaserukira Amerika mu Burundi, mu Rwanda no mu bindi bihugu bishika 30 nk'uko bitangazwa n'ibimenyeshamakuru muri ico gihugu.

Ni igikorwa cavuzwe ubwa mbere n'ikinyamakuru Politico ku wa gatanu w'indwi iheze, ko abo baserukirizi barimwo kumenyeshwa izo mpinduka ubwabo ata tangazo risohowe.

Ico kimenyeshamakuru kivuga ko abo baserukirizi abenshi ari abo ku gihe ca Prezida Joe Biden, uwo Donald Trump yasubiriye.

Ibinyamakuru muri Amerika bivuga ko abo baserukirizi bahawe gushika mu kwezi gutaha kuba bagarutse i Washington.

CNN isubiramwo Eric Rubin umukukuruke yakora mu buserukirizi bwa Amerika mu makungu avuga ko ibi bintu "bitigeze bibaho mu myaka 101 ibiro bizwi nka U.S. Foreign Service bimaze".

Rubin avuga ko naho abaserukirizi baba ari intumwa za prezida ubwiwe "buri prezida wese yagumije mu mabanga abaserukirizi yasanze gushika igihe cabo giheze, ababasubirira bakemezwa n'inama nkenguzamateka".

Umwe mu bategetsi mu biro bijejwe imigenderanire n'amakungu vya Amerika asubirwamo na CNN avuga ko ibi byakozwe ari "igikorwa gisanzwe ku butegetsi ubwo ari bwo bwose".

Ibinyamakuru muri Amerika bivuga ko benshi mu baserukirizi n'abakozi b'ubuserukirizi bakuwe mu mabanga ari abari mu bihugu vya Afrika birimo;

  • Algeria
  • Burundi
  • Cameroon
  • Côte d'Ivoire
  • Congo
  • Gabon
  • Mauritius
  • Misiri
  • Nigeria
  • Niger
  • Rwanda
  • Senegal
  • Somalia
  • Uganda
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Hari kandi abari baserukiye Amerika mu bihugu vya Slovakia, Montenegro, Armenia na North Macedonia, n'abandi bo muri Aziya na Amerika y'ubumanuko.

New York Times isubiramwo ibiro bijejwe imigenderanire n'amakungu bizwi nka 'Department of State' bivuga ko abo bose bagaruwe i Washington batirukanwe. Ko bashobora gushirwa mu yandi mabanga, kandi bahimirizwa "kurondera ayandi mahirwe mu bisata vya leta, kugira bashigikire umugambi wa Perezida Trump wa 'America First'."

'Department of State' isubirwamo ivuga ko iyo ngingo ari igikorwa gisanzwe mu mpinduka z'ubutegetsi, kandi ko igamije gutuma abaserukira Amerika mu mahanga bakorera ku murongo wa politike nshasha ya Leta.

Ishirahamwe ry'abadipolomate ba Amerika, American Foreign Service Association, ryavuze ko guhamagara abakozi b'umwuga bishobora gutuma dipolomasi ihinduka iya politike, mu gihe yari imenyerewe kuguma itagira uruhande ishigikira.

Kugeza ubu, State Department (ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire) ntiratangaza amazina y'abazoshirwa mu bibanza vy'abo bahamagawe canke igihe bazotangurirako imirimo.

Mu Burundi, mu Rwanda no muri ivyo bihugu vyabayemwo izi mpinduka ubuserukizi bwa Amerika buzobandanya bukora buhagarariwe n'icariho c'uwuserukira igihugu (Chargé d'Affaires) gushika abaserukizi bashasha bagenywe.

Izo mpinduka zije mu gihe Amerika iheruka gufata ingingo yo guhagarika impusha zo kwinjira muri Amerika (Visa) ku banyagihugu bo mu bihugu bitandukanye birimwo vyinshi vyo muri Afrika.