Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umumenyeshamakuru Sandra Muhoza yari amaze imyaka ibiri mw'ibohero yarekuwe
Umumenyeshamakuru w'Umurundikazi yari amaze imyaka irenga ibiri apfunzwe mu myaka ine yaciriwe yarekuwe vy'imfatakibanza kuri uyu wa gatatu ariko ategekwa kutarenga intara abamwo atavyemerewe n'umucamanza.
Umushingwamanza wa Sandra Aline Muhoza yemereye BBC ko uyu mumenyeshamakuru yarekuwe kandi yeretse BBC urwandiko rumurekura vy'imfatakibanza rwasohowe n'umushikirizamanza mukuru w'i Ngozi.
Muhoza yakorera ikinyamakuru cigenga La Nova Burundi yagiye gutorwa n'umugabo wiwe ku ibohero rya Ngozi.
Mu kwezi kwa Ndamukiza(4) 2024 niho Muhoza yafatwa kubera ivyo yashikirije ku rubuga WhatsApp ruhuriramwo abamenyeshamakuru ku makuru atemejwe ko hari imipanga yatanzwe mu gihugu.
Muri sentare yagirijwe ivyaha bibiri: Guhungabanya umutekano w'igihugu hamwe no kubiba urwanko rushingiye ku bwoko.
Ni ivyaha wewe yaburanye ahakana kandi umushingwamanza wiwe yavuze ko bari basavye yuko yorekurwa vy'imfatakibanza ku mvo zitandukanye, zirimwo n'amagara yiwe.
Muri Nzero(1) uyu mwaka niho Muhoza yamenyeshwa ko yaciriwe igihano co gupfungwa imyaka ine.
Muri Kigarama(12) mu mwaka uheze, mu kiyago umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye yagiranye n'abaserukira ibimenyeshamakuru vyo mu Burundi, baramusavye ko abanyamakuru bapfunzwe barimwo Sandra Muhoza botezurirwa.
Prezida Ndayishimiye yishuye ati: "Uwo [Sandra] nta dosiye yiwe nari bwumve bavuga…sinzi icoba carabaye."
Urwandiko rw'umushikirizamanza mukuru w'i Ngozi rurekura Muhoza vy'imfatakibanza ruvuga ko inyuma yo kubisaba yavyemerewe kuko atazobangamira ko urubanza rwiwe rubandanya.
Rwongerako ko arekuwe kubera yagize "inyifato nziza" igihe yari apfunzwe.
Muhoza ariko ntarekuriwe "kuva mu ntara abamwo adahawe uruhusha n'umucamanza" kandi asabwa kwama "yitaba umucamanza rimwe mu kwezi" canke "igihe [cose] abisabwe".