Umugera wa HMPV mu Bushinwa: None isi yogira ubwoba?

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ibitigiri vy'abandura umugera uzwi nka Human Metapneumovirus (HMPV) biheruka kwiyongera mu buraruko bw'Ubushinwa vyateye ubwoba.
Aha ni inyuma y'imyaka itanu iheze amakungu agabishijwe ko hari umugera wari wateye - umugera wa Covid-19 - biza kurangira ubaye ikiza karanda cakwiragiye kw'isi yose kigahitana abantu imiriyoni indwi.
Mu ndwi ziheze, amasanamu y'ibitaro vyo mu Bushinwa vyuzuye abantu bambaye udupfukamunwa yarazungurutse cane ku mbuga hwaniro, amasanamu yatumye haba ubwoba ko hari ikindi kiza karanda cadutse.
Kuva ico gihe, abarongoye igisata c'amagara y'abantu muri ico gihugu baremeye ko ibitigiri vy'abariko bandura iyi ndwara isa n'ibicurane (HMPV) vyariko biraduga, cane cane mu bana, ikavuga ko ibi biva ku bihe.
Ariko barahakana ibivugwa, vy'uko ibitaro vyo muri ako karere vyarengewe n'uno mugera.
Abahinga mu vy'amagara y'abantu bavuga ko HMPV atari co kimwe na Covid-19, bakavuga ko uno mugera umaze imyaka mirongo, aho buri mwana hafi wese awandura gushika ku myaka itanu y'amavuko.
Gusa, ku bana bamwebamwe bakiri bato cane no ku bantu bafise ubudahangarwa bw'umubiri bugoyagoya, urashobora gutera indwara zikomeye cane.
Ng'ibi ivyo ukwiye kumenya.
HMPV ni iki?
HMPV ni umugera utuma umuntu arwara mu gice co haruguru c'ihemero - mu vy'ukuri ugasanga ntushobora kuyitandukanya n'ibicurane - ku bantu benshi.
Uwo mugera, wamenyekanye ubwa mbere mu Buholandi mu 2001, ushobora gukwiragira biciye mu gukoranako n'abantu, canke iyo umuntu akoze ku bintu vyandujwe canke ahantu handujwe uwo mugera.
Ku bantu hafi bose, mu bimenyetso vyawo harimwo inkorora, umuriro/ubushuhe n'ugupfungana amazuru.
Abakiri bato cane, harimwo n'abana bari munsi y'imyaka ibiri, ni bo babangamirwa cane n'uno mugera, hamwe rero n'abafise ubudahangarwa bw'umubiri bugoyagoya, harimwo abageze mu zabukuru n'abarwaye kanseri igeze kure, nk'uko bivugwa na Hsu Li Yang, umuganga w'indwara zandukira muri Singapour.
Iyo umuntu yanduye, "igice gito ariko gihambaye" c'abantu bafise ubudahangarwa bw'umubiri bugoyagoya barasinzikara cane, aho usanga amahaha yafashwe, bagahema nabi, bakabura impemu, bakagira n'ibimenyetso vyo kubabara mu muhogo.
Dr Hsu ati: "Benshi biba ngombwa ko bitura ibitaro, igice gito kikaba ari co kija mu kaga ko kwicwa n'ino ndwara".
Yandukira gute?

Umugera wa HMPV wandukira mu bisanzwe uvuye ku muntu yamaze kuwandura hanyuma akandukiza abandi biciye mu gukorora no mu kwasamura.
Ushobora kandi gukwiragira biciye mu gukoranako n'umuntu, nko kumukorako canke guhana ibiganza mu kuramukanya, canke biciye mu gukora ku bintu canke ahantu hafise imigera ya HMPV hanyuma ukikora ku munwa, ku zuru canke mu maso.
Mu bisanzwe, HMPV ikwiragira mu mezi y'ubukonje bwinshi cane igihe abantu bamara umwanya munini mu nzu.
Nk'uko ikigo kijejwe kugenzura no kwirinda indwara (Centers for Disease Control and Prevention,CDC) co muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika kibivuga, umwanya ino ndwara ifata kugira ngo yibonekeze mu muntu ni kuva ku misi itatu gushika kuri itandatu.
CDC ivuga kandi ko igihe umuntu ashobora kumara arwaye iyi ndwara kivana n'ubukana bwayo, ariko ko ari co kimwe n'izindi ndwara zifatira mw'ihemero ziterwa n'imigera.
Kubera iki abandura bariko biyongera mu Bushinwa?
Nk'uko bimeze ku ndwara nyinshi zifatira mw'ihemero, HMPV mu mpera z'urushana canke mu gihe c'impeshi – abahinga bamwebamwe bavuga ko ivyo biterwa n'uko imigera ishobora kubaho neza mu gihe c'ubukonje kandi bikoroha kuva mu muntu umwe ija mu wundi iyo abantu bakunze kuguma mu mazu.
Mu buraruko bw'Ubushinwa, ukwiyongera kw'ibitigiri vy'abandura HMPV muri iki gihe gufitaniye isano n'ubukonje bwinshi bwitezwe kubandanya gushika muri Ntwarante (3).
Mu bisanzwe, ibihugu vyinshi vyo mu gice c'uburaruko bw'isi, harimwo n'Ubushinwa, bihanganye n'ukwiyongera kw'indwara ya HMPV, nk'uko bivugwa na Jacqueline Stephens, umuhinga mu vy'indwara kuri kaminuza ya Flinders muri Australia.
Ati: "Naho ibi biteje impungenge, ukwiyongera kw'abantu bandura gushobora kuba ari ukwiyongera gusanzwe kwibonekeza mu gihe c'ubukonje bwinshi".
Ibiharuro bitangwa n'abajejwe amagara y'abantu muri Amerika n'Ubwongereza vyerekana ko abandura HMPV muri ibi bihugu na vyo nyene bariko bariyongera kuva muri Gitugutu (10) umwaka uheze.
HMPV yoba ari co kimwe na Covid-19? Twogira ubwoba?
Abahinga bavuga ko kugira ubwoba ku kiza kimeze nka Covid-19 ari ugukavya, bakavuga ko ibiza mu bisanzwe biva ku migera mishasha, ibi bikaba atariko bimeze kuri HMPV.
HMPV iri kw'isi yose kandi imaze imyaka mirongo iri ngaho. Ibi bisigura ko abantu kw'isi yose bafise "urugero runaka rw'ubudahangarwa basanganywe kubera ukuntu bagiye bahura n'ino ndwara muri kahise", nk'uko Dr Hsu abivuga.
Paul Hunter, umwigisha mu vy'ubuvuzi kuri kaminuza ya East Anglia mu Bwongereza, avuga ati: "Hafi umwana wese azoba yararwaye HMPV n'imiburiburi incuro imwe gushika akwize imyaka itanu, kandi turashobora kwitega ko tuzosubira kwandura indwara incuro nyinshi mu buzima bwose.
"Rero muri rusangi, sinibaza ko hari ibimenyetso na bimwe vy'uko iyi ndwara yoba ikiza karanda cobangamira isi yose".
Naho biri uko, Dr Hsu agira inama abantu muri rusangi ko bokwifatira ingingo zo kwikingira, nko kwambara agapfukamunwa ahantu hari abantu benshi, kwirinda kuja ahakoraniye abantu benshi igihe cose bishoboka iyo umuntu afise ivyago vyinshi vyo gushobora kwandura indwara zikomeye zo mw'ihemero ziterwa n'imigera, kwitaho isuku ry'iminwe, no gufata urucanco rw'ibicurane.










