Amerika ivuga ko Israel yarashe igisasu ca misire muri Irani

Videwo yafashwe n'umunyagihugu yerekana ibiturika i Isfahan
Insiguro y'isanamu, Videwo yafashwe n'umunyagihugu yerekana ibiturika i Isfahan

Abategetsi ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika babwiye CBS News, ikimenyeshamakuru gikorana na BBC muri Amerika, ko Israel yarashe igisasu ca misire kuri Irani.

Ibiturika vyumvikanye mu ntara ya Isfahan iri hagati mu gihugu, ingendo z’indege zikaba zahagaritswe vy’agateganyo mu bisagara bitari bike vya Irani, nk’uko bitangazwa n’ibinyamakuru vya Irani. Abategetsi bavuga ko ingendo z'indege zasubiriye kubandanya.

Hagati aho, umutegetsi wa Irani arahakana ko ata gitero ca misire cakozwe ku butaka bw’iki gihugu, gisanzwe gihanganye na Israel.

Irani imeze magabo inyuma y’aho Israel ivugiye ko izotegerezwa kwihora ku gitero ca Irani mw’ijoro ryo ku wa gatandatu w’indwi iheze.

Irani yarekuye indege zitagira abadereva n’ibisasu vya misire, vyose hamwe birenga 300, mu gitero ca mbere yakoze ku butaka bwa Israel.

Hafi vyose vyasamburiwe mu kirere n’ubuhinga bwa Israel bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere ifashwe mu mugongo na Amerika, Ubwongereza n’ibindi bihugu vy’incuti.

Ico gitero cari ico kwihora igitero kibonwa na benshi ko cakozwe na Israel kw’ishami ry’ubuserukizi bwa Irani i Damas (Damascus) muri Syria, cahitanye abantu 13 harimwo intwazangabo indwi z’igisirikare ca Irani ku wa 1 Ndamukiza (4).

Intara ya Isfahan irimwo ikigo kinini c’ingabo zirwanira mu kirere, ikigo gikomeye gihingura ibisasu vya misire hamwe n’ibigo bitari bike vya nikleyeri.

Ikimenyeshamakuru ca reta ya Irani, IRIB, gisubiramwo “amasoko yizigiwe” avuga ko ibigo vya nikleyeri vya Isfahan "ata ngorane na nto bifise".

Itororokanirizo ry’amakuru Fars rya reta ya Irani rivuga kohumvikanye ibiturika hafi y’ikibuga c’indege ca Isfahan no ku kigo ca gisirikare mu gisagara ca Isfahan, ivyatumye ubuhinga bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere muri ako karere bumera magabo.

Igisata ca BBC gikoresha ururimi rw’igi-perse casohoye ku rubuga rwa Instagram videwo yavuye mu ntara ya Isfahan irimwo ijwi risa n’iry’inkoho zirasa indege.

Nta gitero ca misire cabaye muri Irani – umutegetsi

Umuvugizi w’ikigo c’igihugu kijejwe umutekano wa interineti (National Centre of Cyberspace) yihutiye guhakana ivy’iki gitero ca misire kivugwa.

Aciye ku rubuga rwa X rwahoze rwitwa Twitter, Hossein Dalirian yanditse ati: "Nta gitero co mu kirere cakozwe kivuye hanze ya Isfahan canke mu tundi turere tw’igihugu".

Avuga ko Israel "yagerageje gusa kurekura amadrone ariko irananirwa mu buryo buteye isoni n’ano madrone yakorowe".

Ibinyamakuru vyegamiye reta ya Irani na vyo nyene bivuga nk’uko, aho bitangaza ko ubuhinga bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere bwameze magabo mu turere tutari duke tw’igihugu mw’ijoro ryakeye kugira ngo bushobore guhangana n’icovogera igihugu, ariko nta makuru y’ivyoba vyononekaye.

Ano makuru avuga kandi ko ibigo vyose, harimwo n’ibigo vya nikleyeri, bimeze neza.

Israel yari yamenyesheje Amerika ivy'iki gitero –ibinyamakuru vya Amerika

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ni mu gihe abategetsi ba Amerika batavugwa amazina babwiye ibinyamakuru vyo muri ico gihugu ko cari camenyeshejwe integuro za Israel zo gutera, ariko ko kitazishigikiye.

Ibimenyeshamakuru vyompi, NBC na CNN, bitangaza ko hari abategetsi bavuga ko Israel yari yamenyesheje Amerika ivy’iki gitero.

CNN isubiramwo umutegetsi umwe avuga ati: "Ntitwashigikiye iki gitero co kwihora."

Ibiro vy’umukuru w’igihugu hamwe n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi muri Amerika nta co biragira ico bishikirije kuri iki gitero Irani ivuga ko cari ic’amadrone makeya gusa.

Umutegetsi umwe wa Irani avuga ko amakuru atangwa n’ibinyamakuru vya Amerika atari yo.

Mu misi iheze, abategetsi ba Irani bagabishije ko igitero ico ari co cose ca Israel kuri Irani kizoca cishurwa bidatevye. Amakungu abandanya agerageza kuraba ko ibintu bitokwunyuka, asaba impande zompi kwifata.

Ejo ku wa kane, umunyamabanga mukuru wa ONU, António Guterres, yavuze ko “ibintu vyari vyunyutse ku buryo buteje akaga” hagati ya Israel na Irani.

Yabwiye Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’isi ati: "Ukwihenda rimwe gusa mu biharuro, ukwihenda rimwe gusa mu makuru atangwa, ikosa rimwe gusa, bishobora gushikana ku bintu umuntu atiyumvira – intambara yuzuye mu karere yokwiha inkumbi ku mpande zompi zoyigiramwo uruhara."