Mu mafoto impunzi z'abanye Congo mu Burundi

Umugore w'impuzi ariko aratora umuceri akikujwe n'abana ku kibuga c'umupira ca Rugombo aho yahungiye mu ntara ya Cibitoke
Insiguro y'isanamu, Umugore w'impuzi ariko aratora umuceri akikujwe n'abana ku kibuga c'umupira ca Rugombo aho yahungiye mu ntara ya Cibitoke
    • Umwanditsi, Cyriaque Muhawenayo
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Ikambi y'agateganyo y'impunzi BBC yagendeye iri muri komine Rugombo y'intara ya Cibitoke, hafi y'urubibe rwa Ruzizi rw'Uburundi na DR Congo.

Iyi kambi irimwo impunzi zishika 20,000 zirwiriyemwo abagore n'abana.

Abategetsi b'Uburundi bamenyesha ko mu ndwi zidashika zibiri ziheze iki gihugu kimaze kwakira impunzi zishika 42,000 z'Abanyecongo bahunze ingwano mu ntara ya Kivu y'Epfo.

Abarongoye ishami rya ONU rijejwe impunzi HCR bavuga ko Uburundi budafise ubushobozi bwo kwitaho izi mpunzi, kandi ko aba bahunze ata mfungurwa, ataho bakika umusaya eka ata n'ivya nkenerwa bafise.

Umuvyeyi ariko arafuungurira abana aho bahungiye ku kibuga c'umupira ca Rugombo mu ntara ya Cibitoke
Insiguro y'isanamu, Umuvyeyi ariko arafungurira abana aho bahungiye ku kibuga c'umupira ca Rugombo mu ntara ya Cibitoke
Umugore w'impuzi ariko aratora umuceri akikujwe n'abana ku kibuga c'umupira ca Rugombo aho yahungiye
Insiguro y'isanamu, Umwana ariko aragerageza kunywa amazi ari mu kabido ku kibuga ca Rugombo aho impunzi z'abakongomani zahungiye mu ntara ya Cibitoke
Umuvyeyi ariko arafuungurira abana aho bahungiye ku kibuga c'umupira ca Rugombo mu ntara ya Cibitoke
Insiguro y'isanamu, Abagore b'Ababakongomani bariko baroza ivyombo ku kibuga c'umupira ca Rugombo mu ntara ya Cibitoke aho bahungiye
Umuryango w'abakongomani wicaye hagati y'ibintu wahunganye ku kibuga c'umupira w'amaguru ca Rugombo mu ntara ya Cibitoke
Insiguro y'isanamu, Umuryango w'abakongomani wicaye hagati y'ibintu wahunganye ku kibuga c'umupira w'amaguru ca Rugombo mu ntara ya Cibitoke
Umwana w'impunzi avuye kuvoma ku kibuga c'umupira w'amaguru ca Rugombo mu ntara ya Cibitoke
Insiguro y'isanamu, Umwana w'impunzi avuye kuvoma ku kibuga c'umupira w'amaguru ca Rugombo mu ntara ya Cibitoke
Umugabo ariko arubaka ihema yo kubamwo ku kibuga c'umupira ca Rugombo mu ntara ya Cibitoke
Insiguro y'isanamu, Umugabo ariko arubaka ihema yo kubamwo ku kibuga c'umupira ca Rugombo mu ntara ya Cibitoke
Abagore babiri bavuye kuvoma ku kibuga c'umupira w'amaguru ca Rugomboi mu ntara ya Cibitoke
Insiguro y'isanamu, Abagore babiri bavuye kuvoma ku kibuga c'umupira w'amaguru ca Rugomboi mu ntara ya Cibitoke
Nubwo bahawe uduhema, usanga benshi muri izi mpunzi bariko batekera hanze aho bashikiye ku kibuga c'umupira w'amaguru ca Rugombo mu ntara ya Cibitokei
Insiguro y'isanamu, Nubwo bahawe uduhema, usanga benshi muri izi mpunzi bariko batekera hanze aho bashikiye ku kibuga c'umupira w'amaguru ca Rugombo mu ntara ya Cibitokei
Impunzi ziriko zirapakurura imfungurwa mw'ikambi y'agateganyo ya Cishemere iri mu ntara ya Cibitoke
Insiguro y'isanamu, Impunzi ziriko zirapakurura imfungurwa mw'ikambi y'agateganyo ya Cishemere iri mu ntara ya Cibitoke
Brigitte Mukanga - Eno arongoye ishami rya Onu rijejwe impunzi kw'isi HCR
Insiguro y'isanamu, Brigitte Mukanga - Eno arongoye ishami rya Onu rijejwe impunzi kw'isi HCR ari ku kibuga c'umupira w'amaguru ca Rugombo ahahungiye abakongomani barenga ibihumbi 20