Ingwara gushika ubu itaramenyekana muri RD Congo iracari amayobera
Ahavuye isanamu, Getty Images
Ikigo ca Afrika kijejwe kugenzura ibijanye n'ingwara (Afrika CDC) ivuga ko itewe impungenge n'ukwiyongera kw'ikiza karanda c'ingwara itarashobora kumenyekana muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC).
Iyi ngwara ikarira cane cane abana n'abantu badafungura neza imaze guhitana abantu 44 hamwe n'abandi 527 bamaze kuyandura, muri ino ndwi yonyene abantu 147 bakaba ari bo bamaze kuyandura.
Igiteye impungenge gusumba ni uko 42% vy'abamaze kuyandura ari abana bari musi y'imyaka itanu.
Dr. Jean Kaseya , umukuru w'ikigo Afrika CDC agira ati: "Iki ni ikibazo gikomeye cane kibangamiye ubuzima bw'abanyagihugu muri DR Congo".
Amahotoza abangamiwe n'ibipimo bidafashe
Naho amashirahamwe atari make ajejwe amagara y'abantu make ariko arakorera hamwe mu twigoro two guhangana n'iyi ndwara, ntirashobora kuronka izina kubera ingorane zo kumenya icayiteye.
Abariko barakora amatohoza kuri yo bafise ingorane y'ibipimo bidafashe baronka, ibi bikaba bituma igikorwa nyamukuru co gupima iyi ndwara gicerezwa.
"Ibipimo vya mbere twaronse ku wa 7 Kigarama ntivyari bifashe", niko Dr. Kaseya asigura.
Akarere k'ubuvuzi ka Panzi, aho ico kiza kiriko kirakwiragira kuva muri Gitugutu (10), gafise ingorane zikomeye mu bijanye no kwiyunguruza no kwunguruza ibintu.
Ibipimo bitegerezwa gushikanwa ku mugwa mukuru Kinshasa—urugendo rw'amasaha nka 48 mw'ibarabara uvuye aho—kugira ngo vyihwezwe mu malaboratware y'ico gihugu asanzwe atako yifashe.
Amashirahamwe atandukanye yagiye gufasha muri ubu bushakashatsi
Abakozi bo mu bushikiranganji bwa DR Congo bujejwe amagara y'abantu, mw'ishirahamwe OMS rijejwe amagara y'abantu kw'isi, Afrika CDC, no mu yandi mashirahamwe mpuzamakungu bararungitswe muri ako karere.
Bafise igikorwa co gufata ibipimo vy'amaraso, umukoyo n'amazimazi mu ntumbero yo kurondera kumenya iyi ndwara iyo ari yo.
"Gushika ubu, ibipimo vyababa 78 ni vyo bimaze gufatwa", nk'uko bivugwa na muganga Dieudonné Mwamba, umukuru w'ikigo ca DR Congo kijejwe amagara y'abantu. Inyishu z'ibizova muri ibi bipimo zitezwe mu ndwi iza mu gihe aba bakozi bazoba basubiye i Kinshasa.
Iboneka umengo ni malaria
Mu ntango z'ino ndwi, OMS yavuze ko inyishu z'ibipimo 10 muri 12 vya mbere zerekana indwara ya malaria.
Hagati aho, Muganga Kaseya asigura ko ibipimo bidafashe vyatumye amatohoza adashika ku mwanzura werekana ibitandukanye na malaria.
Ati: "Ubu nta nta kimenyetso na kimwe turiko turatanga kijanye n'iyi ndwara".
Ikibazo c'ibikorwa remezo
Ingorane z'igihugu muri rusangi zituma ibintu bigorana gusumba mu bijanye n'utwigoro tw'uguhangana n'iki kiza. Amabarabara mabi, ibikoresho vy'ubuvuzi bidakwiye hamwe n'ubukene bw'abakozi mu gusata c'ubuvuzi, vyaradindije ibikorwa.
Igihe c'imvura naco kiriko gituma amabarabara yononekara gusumba mu gihe uburyo bw'uguhanahana amakuru budashemeye bubangamiye utwigoro two gukorera hamwe.
Mu gihe amatohoza akibandanya, abajejwe igisata c'ubuvuzi baragabisha ko umwanya ari ngirakamaro mu gukingira ubuzima bw'abanyagihugu no kugabanya ikwirakwira ry'ino ndwara.
Inkuru iri kw'isonga
Ivyo BBC Gahuza ibahitiramwo
Izisomwa na benshi
Ibi ntibiboneka