'Nta hantu na hamwe hari umutekano': Ibitero vya Israel ku turere dushasha twa Libani biteje impungenge

Ahavuye isanamu, EPA
- Umwanditsi, Carine Torbey
- Igikorwa, BBC mu carabu
- Yakoze inkuru ari, Aramoun, Libani
- Igihe co gusoma: iminota 4
Abajejwe ubutabazi bari bagiye igihe twashika ku nyubakwa yari yatewe ikibombe mu gitero co mu kirere ca Israel, ahitwa Aramoun, mu bumanuko bushira uburengero bw'umugwa mukuru wa Libani, Beirut.
Ibikorwa vyo gusukura vyategerezwa kuba vyaheze. Hatowe ibiziga umunani - harimwo bitatu vy'abana n'ibindi bitatu vy'abagore - abakomeretse batari bake bakaba bari batwawe mu bitato; bamwe basinzikaye cane.
Mu nyuma, niho twumva abagabo batari bake bahagaze ku rubaraza bakoma akaruru: “Ukuboko, ukuboko. Turashobora kubona ukuboko”.
Bariko berekana urubaraza rwo kw’igorofa ya kabiri yari yasambutse yose, yaguye kw'igorofa yo musi na yo nyene yari yabomotse
Niho umugabo akiri muto yurira ku kirundo c'ibihomoka, agashika aho hantu, agatangura gukuraho ibihomoka, hanyuma akiriza ikintu kitashobora kuboneka neza uri kure.
Mu nyuma niho namubaza nimba yari yabonye ukuboko. Yanyishuye ati: "Oya. Ntikwari ukuboko. Kari agace k'igufa ryo mu mutwe".
Iyi nyubakwa y'amagorofa menshi yari yatewe igisasu iri mu karere k'uburaro.
Twabwiwe ko benshi mu bahaba ari abateshejwe izabo, bavuye cane cane mu bumanuko bw'igihugu canke mu turere tw'ubumanuko bwa Beirut.
Ni uturere Hezbollah ikoreramwo cane, tukaba twiziziwe n'ibitero vya Israel mu ntambara yayo n'uno muhari wa poritike na gisirikare ufashwe mu mugongo na Irani.
Aramoun ni agace karimwo abanyagihugu bari mu madini atandukanye, kandi gushika ejo ku wa gatatu kaboneka ko gatuje kubera katari bwigere gaterwa.
Iki gitero co mu bucagucagu caje giturumbuka.
Umugore afise abana babiri aba mu nzu irabana n'iyi agira ati: “Hari hafi isaha cumi zo mu gatondo. Twari dusinziriye. Twaravyuwe n'ikintu gikomeye cari gituritse. Mu ntango nta kintu na kimwe twashobora kubona kubera imyotsi yari ikwiragiye hose".
Yari yahungiye mu nzu ya sewabo i Aramoun inyuma y'aho Israel itanguriye gucucagira ibibombe mu turere tw'ubumanuko bwa Beirut.
Agira ati: “Israel iriko iratera ahantu hose. Nta hantu na hamwe hakiri umutekano".

Ahavuye isanamu, EPA
Uwundi mugore ari mu myaka ya 80 yariko anyarukanwa mu modoko.
Hari haciye ukwezi yimukiye i Aramoun, na we nyene avuye mu bumanuko bwa Beirut.
Inyuma y'iki gitero, yarasohotse n’abandi bose bari muri iyo nyubakwa, amara amasaha abiri canke atatu ari mu modoka yabo mw'ibarabara.
Igihe twamubona, yariko yegeranya utuntu twiwe. Yatubwiye ko yari afise ubwoka bwinshi cane kandi ko yagomba asubire kwimuka.
Ico gihe yatubwiye ko yagomba ahungire ku muhungu wiwe. Na we nyene yarahunze.
Abajijwe nimba afise icizere c'uko imishamirano ishobora guhagarara ubu bwa vuba, yishuye ati: “Igihe cose bavuze ivy'agahengwe, niko Israel yongereza ibitero vyayo".

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igisirikare ca Israel ntikiravuga uwo cake ico carondera i Aramoun.
Ariko iki gitero casa n'ibindi bitari bike bikorwa mu bindi bice vy'igihugu: cakozwe ata n'umwe abiciye ikanda ku nyubakwa z'uburaro canke amazu yakira abataye izabo. Igisirikare ca Israel kivuga ko vyinshi muri ivyo bitero vyakozwe ku bikorwa remezo vya Hezbollah.
Ibi bitero biriko biratuma abantu barushirizaho kubura amahoro mu kibano cabahaye indaro, aho abanyagihugu bavuga ko bahagaritswe umutima n'uko Israel ishobora gutera abateshejwe izabo babana nabo canke abandi baje kubagendera, kenshi bagenzwa no kubaha imfashanyo y'amahera.
Umugabo umwe afise inzu muri ako karere katewe, akaba ari ho aba n’umugore wiwe n’umwana wiwe, agira ati: “Twese turakunda uno muhari urwanira agateka, ariko iyo umuntu afise umuhungu mbere atazi neza ko ari muri Hezbollah, canke umuntu aje kugarukira ku bateshejwe izabo, hanyuma bakisanga bariko baraterwa, tuba turiko tugwa mu mporero".
Yongerako ati: “Abateshejwe izabo baza nk'abashitsi tukabakira. Ariko iyo harimwo umuntu adatomoye, uwo aba ari we wese - ashobora kuba ari umwana wanje kandi ntazi ko ari muri Hezbollah - hanyuma agaterwa, abana n'abagore bakicwa, iki si ikintu kibabaje?"
Amajambo nk'aya aramaze kuba akamenyero inyuma y'urukurikirane rw'ibitero vya Israel mu bice bitandukanye vy'igihugu biri hanze y'uturere tuzwi ko turangwamwo imishamirano.
Ariko aho nyene, amajwi y'abasaba ko abanyagihugu bagira urunani muri Libani abandanya yiyongera mu gihe babandanya kandi bagabishwa ko ibi bitero vya Israel bishobora kuba bigamije guteza umutima uhagaze mu banyagihugu.










