RD Congo: Vital Kamerhe yatanze imihoho nk'umukuru w'inama nshingamateka

Ahavuye isanamu, Assemblée nationale RDC
Umukuru w'inama nshingamateka ya Repubulika ya Demokarasi ya Congo, Vital Kamerhe, yaraye atanze imihoho inyuma y'igitsure yatewe cigaragarije mu rwandiko rwo kumwiyamiriza rwateweko igikumu n'abarenga inusu y'abagize iyo nama nshingamateka.
Mu gihe abashingamateka bariko bitegura gukora amatora yo kumubogoza canke kumwemerera ko abandanya abarongoye, Kamerhe yahisemwo gukura meza imbere y'uko batangura kumuharirako canke gukora ayo matora.
Radio Okapi, iradiyo ifashwe mu mugongo n'ishirahamwe ONU, ikorera muri Congo, isubiramwo Vital Kamerhe mw'ijambo ryiwe yashikirije agira ati: "Nafashe ingingo imbere y'Abakongomani imiriyoni 110 ko jewe nk'umuntu muto ntategerezwa kubera intambamyi urwego rukomeye nk'Inama nshingamateka."
Abandanya ati: "Uno musi ndanezerewe kubona yuko abantu benshi bahavuye bashigikira iciyumviro twari dusangiye turi bake cane igihe twagishikiriza: ico gusubira gushinga intwaro yacu iyobowe na Perezida Félix Antoine Tshisekedi."
Vital Kamerhe yari arongoye inama nshingamateka ya RD Congo kuva muri Rusama (5) 2024.
Imvo zatumye abashingamateka bashaka kubogoza Vital Kamerhe, ntizizwi neza, ariko bimwe mu binyamakuru vyo muri Congo bivuga ko we na bagenzi be bane bagirizwa gukoresha nabi amafaranga agenewe ibikorwa vy'inama nshingamateka. Nta co Kamerhe yabivuzeko.
Urwandiko rw'abo bashingamateka kandi rwari rwerekeye n'abandi bane mu bagize ibiro vy'inama nshingamateka.
Icuka kibi cariyongereye hagati ya Perezida Tshisekedi na Kamerhe bahoze ari soma mbike.
Amasezerano yabo yo gushigikirana – yari afise intego yo gufashanya hagati yabo mu gushikira intebe y'umukuru w'igihugu – yaratitutse, iri tangwa ry'imihoho rigashobora kuba ikimenyetso co gucanamwo muri politike.
Hagati aho, Perezida Tshisekedi avuga ko ata kibazo afitaniye na Vital Kamerhe.
'Mbandanya ndamufata nk'incuti' – Tshisekedi
Mu kiganiro n'abanyamakuru i New York aho yagiye kwitabira inama rusangi ya ONU, Perezida Tshisekedi yavuze ko ivyo gutanga imihoho vya Kamerhe na we yabimenye nk'abandi ku wa mbere, ndetse ko ataho ahuriye na vyo. Yongeyeko ko nubwo ari we ashinzwe ituze ry'inzego za reta bitamuha uburenganzira bwo kuja kwivanga mu bikorwa vyazo.
Abajijwe niba ubu agifata Kamerhe nk'incuti canke uwo bakorana, yagize ati: "Birumvikana. Kiretse niba ubu Kamerhe abifasheko ikindi cemezo, ariko simbona impamvu [yomutuma agifata]. Kuko si jewe ntandaro y'itanga ry'imihoho ryiwe, n'ibibazo vyiwe. Simbona icomutuma ashaka kumpa umugongo, nta ho mpuriye na vyo.
"Rero mbandanya ndamufata nk'incuti, nk'umuvukanyi kugeza aho bitazoba bikimeze gutyo, ariko si jewe wo kubivuga [kubigena] kuri ubu".
Si bwo bwa mbere Kamerhe atanze imihoho nk'umukuru w'inama nshingamateka. Mu 2009, yaratanze imihoho inyuma yo kunegura ingingo y'uwari umukuru w'igihugu ico gihe, Joseph Kabila, yo kwemerera ingabo z'Urwanda kwinjira mu gihugu inama nshingamateka itavyemeje.













