FARDC ivuga ko kuri M23 ivyo kubesha 'biri mu maraso yabo no mu mitsi yabo'

Abakuru ba M23

Ahavuye isanamu, M23

Insiguro y'isanamu, Bamwe mu bakuru ba M23, uhereye i bubamfu Baudouin Ngaruye, Sultani Makenga ayirongoye na Bernard Byamungu
Igihe co gusoma: iminota 3

Igisirikare ca Repubulika ya Demokarasi ya Congo (FARDC) camirira kure ibirego vy'umuhari w'inyeshamba za M23 wagiriza reta y'iki gihugu ko iriko itegura igitero ceruye nubwo yateye igikumu ku ngingo shimikiro zo guhagarika intambara.

Umuvugizi wa FARDC Jenerali Majoro Sylvain Ekenge yavuze ko M23 isanzwe ikora "ikintu n'igihushane caco ica rimwe".

BBC Gahuzamiryango yamubajije ico avuga kuri ivyo birego ku wa kabiri, aho yagize ati: "Kuva kera, bakora ikintu n'igihushane caco ica rimwe. Iyo mubonye bariko bagiriza abo bagiriza, ni uko ari bo baba bariko barakora ivyaha. Ibi biri mu maraso yabo no mu mitsi yabo, ni ya ngendo y'umusuma asemerera ngo 'fata umusuma'."

Mw'itangazo ryayo ryo ku wa 11 Myandagaro (8) uno mwaka, M23 ivuga ko yabonye "ibikorwa vyo kwegeranya ingabo n'ibikoresho" mu bice bitandukanye mu ntara za Kivu y'Epfo na Kivu ya Ruguru.

Ivuga kandi ko yabonye ingendo z'ingabo n'ibikoresho ziva mu bice vya Kindu zija Shabunda muri Kivu y'Epfo, Kinshasa zija i Bujumbura mu Burundi, Kalemie zija Uvira, hamwe na Kisangani zija i Walikale muri Kivu ya Ruguru.

M23 nta vyemezo itanga kuri ibi birego yagiriza igisirikare ca reta ya Congo.

Ariko Jenerali Majoro Ekenge yavuze ko ahubwo "ingabo za FARDC ziterwa imisi yose n'ubwo hafashwe ingingo yo guhagarika intambara".

Yagize ati: "Amajambo yabo y'ububeshi ni ukwivugisha kugira ngo baronke ingene biregura ku bitero vyabo, no kwagura uturere bahonyanze amasezerano ya Washington be n'ingingo shimikiro za Doha badashaka kwubahiriza kuko babona ko bidahuye n'inyungu zabo."

Umuvugizi w'igisirikare ca DRC Jenerali Majoro Sylvain Ekenge, yicaye mu ntebe areba muri 'camera'.

Ahavuye isanamu, FARDC

Insiguro y'isanamu, Umuvugizi w'igisirikare ca Congo Jenerali Majoro Ekenge avuga ko kibandanya cubahiriza ivyo reta yiyemeje mu migambi y'amahoro ya Washington na Doha
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mw'itangazo caraye gihosoye mu kwishura ku birego vya M23, igisirikare ca Congo cateye akamo "abanyagihugu n'amakungu kuba ivyabona kuri iyi ngendo ya AFC/M23 yo gusomborotsa intambara n'ibitero bitari bike bikorwa n'uru runani ku birindiro vyacu muri Kivu ya Ruguru na Kivu y'Epfo".

Iri tangazo rivuga ko "hejuru y'ibi bitero biba hafi buri musi hiyongerako igandagurwa ry'abanyagihugu b'inzirakarengane ba Congo batagira ababarwanira, benshi muri bo bakaba ari Abahutu, muri Kivu ya Ruguru".

Ibi birego vyo kugandagura abantu vyanavuzwe kandi n'ibiro vya ONU bijejwe agateka ka zina muntu , M23 ikaba ibihakana.

FARDC ivuga ko yiyamiriza "amajambo yo kwiteza utunyoni acishwa mu binyamakuru no ku mbuga hwaniro mu ntumbero yo gusigura ingendo" ya M23.

Iri tangazo ryateweko igikumu n'umuvugizi wa FARDC, Jenerali Majoro Sylvain Ekenge, rivuga ko igisirikare ca Congo kibandanya cubahiriza ivyo reta yiyemeje mu migambi y'amahoro ya Washington na Doha.

Rivuga ariko kandi ko "kigumana uburenganzira bwose bwo kwishura uko bikenewe agasomborotso ako ari ko kose k'uru runani rumenyereye guhonyanga amasezerano n'ivyo rwiyemeje".

Ibi biri uku mu gihe vyari vyitezwe ko ku wa 8 Myandagaro impande zompi zategerezwa gutangura ku mugaragaro ibiganiro, mu ntumbero yo gushika ku masezerano y'amahoro muri rusangi ku wa 17 Myandagaro.

Hagati aho, ibi biganiro ntibirashobora gutangura nk'uko vyari bitegekanijwe, mu gihe icuka kibi kibandanya ciyongera ku rubuga, impande zompi zikabadanya zagirizanya guhonyanga amasezerano.

Gushika ubu, ntibiramenyekana neza icatumye izi mpande zompi ziba zitarasubira mu biganiro.