Wa mugabo wa mbere yaterwa ifyigo ry'ingurube yapfuye

Ahavuye isanamu, Massachusetts General Hospital
- Umwanditsi, Hafsa Khalil
- Igikorwa, BBC News
Wa muntu wa mbere yaterwa ifyigo ry'igurube ryahinduwe yafuye inyuma y'amezi abiri habaye iki gikorwa, nk'uko bitangazwa n'ibitaro vyamubaze.
Richard "Rick" Slayman w'imyaka 63 yari arwaye ingwara y'ifyigo yari igeze kure imbere y'uko akorwa mu kwa gatatu.
Ku wa Mungu, ibitaro bikuru vya Massachusetts ( Massachusetts General Hospital, MGH) vyatangaje ko ata cemezo na kimwe cerekana ko urupfu rwiwe rwavuye kw'iterwa ry'iri fyigo.
Muri kahise, utwigoro two gutera ingingo z’umubiri z'ingurube zahinduwe imero ntaco twashoboye gushikako, ariko ikorwa rya Slayman ryabaye intambwe idasanzwe.
Hampande y'ingwara y'ifyigo, Slayman yari arwaye kandi n'ingwara y'igisukari yo ku rugero rwa kabiri hamwe n'ivumbuka ry'umurindi w'amaraso (hypertension).
Mu 2018, yatewe ifyigo ry’umuntu yapfuye, ariko rikaba ryatanguye kurwara inyuma y'imyaka itanu.
Inyuma yo guterwa iri fyigo ry'ingurube ku wa 16 z'ukwa gatatu, abaganga biwe bemeje ko atari agikeneye kuvurwa hakoreshejwe ubuhinga bwa 'dialyse' bimaze kwemezwa ko iri fyigo rishasha ryakora neza.
Mw’itangazo, ibi bitaro bivuga biti: "Slayman azokwama afatwa nk’urumuri ruha icizere abarwayi batagira uko bangana kw’isi bakeneye ubufasha nk’ubu kandi turamushimira cane kubona yaratwizeye kandi akemera kugira uruhara mu guteza imbere ubuhinga bwo gutera ingingo z’ibindi biremwa [xenotransplantation]”.
'Xenotransplantation' ni ubuhinga bwo gutera uturemangingo canke ingingo z’umubiri z’ubwoko bw’ikiremwa gitandukanye. Akarorero ingingo y’igikoko iterwa umuntu, nk’uku vyagenze kuri Slayman.
Ibitaro MGH bivuga ko bibabajwe cane n’uru rupfu giturumbuka, binahoza umuryango wiwe.
Abo mu muryango wa Slayman bavuga ko inkuru yiwe yari yabereye abandi umuco.
Bati: "Rick yavuga ko kimwe mu vyari vyamutumye yemera gukorwa gutya kwari ugutanga icizere ku bihumbi vy’abantu bari bakeneye guterwa izindi ngingo kugira ngo bamare na kabiri.
"Rick yarashitse kuri iyi ntego kandi icipfuzo n’icizeye vyiwe bizokwamaho.
"Kuri twebwe, Rick yari umuntu w’umutima mwiza kandi w’umugwaneza, yitanga atiziganya ku neza y’umuryango wiwe, abagenzi n’abo bakorana”.
Igihe Slayman aterwa ifyigo ry’ingurube, rya mbere ryari ritewe kiremwamuntu, si yo ngingo y’umubiri ya mbere y’ingurube yari itewe kiremwamuntu..
Abarwayi babiri baratewe imitima y’ingurube, ariko ibi ntivyagenze neza kuko abayitewe bahavuye bapfa inyuma y’amayinga makeya.
Kuri umwe, hari ibimenyetso vyigaragaje ko abasirikare b’umubiri biwe banse iki gihimba, iyi ikaba ari imwe mu ngaruka zikunze kwibonekeza iyo hari uwutewe ingingo y’umubiri.













