Ingene umwe umwe yarokoye ubuzima bw'uwundi batigeze bahura

Marius (i bubamfu) na Nick (i buryo)

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Marius (i bubamfu) na Nick (i buryo)
    • Umwanditsi, Sharon Barbour na Natalie Wright
    • Igikorwa, BBC News

Atazi uwo ahaye utureramangingo 'dukora imirimo yose' (cellules souches/stem cells), Marius Werner yararokoye ubuzima bw’umuganga w’Umwongereza – kandi, uwo musore w’Umudagi avuga ko ico yatanze nawe gishobora kuba caramurokoye, kuko camuhaye icerekezo mu buzima mu gihe yama yumva yokwiyahura.

Aho afatiwe n’ubwoko bwa kanseri (cancer ) y’amaraso bufata abantu bake cane, icizere conyene Muganga Nick Embleton yari asigaranye kwari ukuronka umusokoro yoterwa.

Aho barondereye bakabura uwo bahuza mu Bwongereza hose, baciye baronderera kw’isi nzima.

Inyuma y’imyaka ibiri, BBC News n’ishirahamwe ry’abagira neza Anthony Nolan barafashije ''abavukanyi b’amaraso'' babiri kubonana ubwa mbere.

'Nashobora gupfa'

Mu kiringo c’imyaka hafi 20, Nick yakoze mu gice c’indembe mu gisata c’abana bavutse batageze mu bitaro vya Newcastle, afasha ibihumbi n’ibihumbi vy’abarwayi ba mbere bato kw’isi.

Ariko mu 2021, nawe yarakeneye umuganga.

Ariko atembere mu mihora y’ibitaro, avuga ko atari azi ''urumurindiriye’’.

''Nari nzi neza ko nshobora gupfa, niko kwandika icifuzo ca nyuma,'' nk’uko avuga.

''Ndatimvye mbwire iyi nkuru umugore wanje n’abana banje.

''Naratuntuye cane kubera abana banje -sinashaka ko bakura bakabaho ubuzima bwabo bwose batagira se.''

Marius ariko aratanga icarokoye ubuzima
Insiguro y'isanamu, Marius ariko aratanga icarokoye ubuzima

Guterwa uwundi musokoro bituma uturemaningo tw’amaraso tuba twononekaye dusubirizwa utukimeze neza, ariko umubiri buno nyene uca utwanka iyo tudahuye n’utwo wari usanganywe.

Charlotte Hughes, wo mw’ishirahamwe ry’abagiraneza Anthony Nolan, avuga ati: ''Tubanza kuronderera mu Bwongereza hanyuma ku mahirwe turakaronka uduhura [n'utwo umurwayi].

''Iyo tutaronse, Anthony Nolan ica ironderera kw’isi yose uduhura.

''Uduhura dushobora kuva aho ari ho hose.''

'Ndarengewe cane'

Yaba uwutanze canke umurwayi umwidondoro wabo utegerezwa kuguma mw’ibanga gushika bimekenyekanye ko utwo turemangingo twatewe twakoze neza.

Amaze kumenya ko twakoze neza, inyuma y’imyaka ibiri, Nick yaciye abwira BBC News ko ashaka kurondeza ngo amenye uwamuhaye. Ikoranye na Anthony Nolan, BBC yahavuye itora Marius, umusore w’imyaka 24, aba Chemniz, hafi ya Dresden, yari asanzwe azwi mu batanga amaraso kuva atarashikana imyaka 20.

Yaciye yemera kwurira indege aja mu Bwongereza guhura na Nick , ku kigo co gufasha abarwaye kanseri ca Maggie mu bitaro vya Freeman i New Castle, aho yaterewe uwo musokoro.

Mu gihe abo bagabo babiri bariko baragwana mu nda, Marius avuga ati: ''Ndarengewe cane – Ndiko ndajugumira.''

'Urakoze gushima'

Nick aramubwira: ''Uteremangingo twose twarimwo kanseri twaraheze.

''Iyo bapimye amaraso yanje, utwo basagamwo twose ni rwawe.

''Nari kuba napfuye iyo ataba wewe.

''Mfise abana bane – ubu ntibaba bafise se.

''Aha nshaka vy’ukuri kuvuga nti: Ndagushimiye warakoze.'''

Kubera ikigumbagumba, Marius yarabuze amajambo ariko arinanata arashobora kuvuga ati:

''Urakoze gushima''.

Bompi amosozi ariko aratemba, Nick yamwongoreye ati: ''Warakoze cane''.

'Amasozi araje'

Mu nyuma, Marius yibutse ko yamenye ko uturemangingo twatewe twari twakoze neza – hanyuma umurwayi ararokoka.

''Inyuma y’iyo nkuru, amasozi yaciye aza,'' niko avuga.

''Nari mu nzira nja ku kazi hanyuma biba ngombwa ko mpagarika imodoka kugira nsame akayaga -amasozi aca arakoroka.''

Mu nyuma, Marius ahishura ko yari yarigeze gushaka kwiyahura, kandi ko, mu nzira imwe – Nick yafashije kumurokora.

''Kuva ngifise imyaka 13, nagunye ngwana n’ingorane zo mu mutwe,'' niko avuga.

''Vyarangoye cane gutora inzira y’ubuzima bwanje – n’ico mbereyeho.

''[Ubu,] Nshobora kuvuga nti: ‘Nakoze ikintu kizima.'''

Ubu amaraso amwe asigaye atembera mu mitsi yabo, abo bantu babiri batari bazinanye ubu bategekanya kuguma bavugana nk’''abavukana b’amaraso''.