Umunani bamaze guhitanwa n'icikekwa ko ari icaduka ca Marburg muri Tanzania, OMS iragabisha

Ahavuye isanamu, Getty Images

Igihe co gusoma: iminota 3

Ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS/WHO rimenyesha ko abantu umunani bamaze guhitanwa n'indwara yikekwa ko ari icaduka ca Marbug mu ntara ya Kagera iri mu buraruko bushira uburengero bwa Tanzania.

Mw'itangazo yacishije ku rubuga ngurukanabumenyi rwayo, OMS ivuga ko ku wa 10 Nzero (1) 2025, "OMS yaronse amakuru yo kwizera ava muri iki gihugu ku bijanye n'indwara yikekwa ko ari umugera wa Marburg muri iyo ntara''.

OMS ivuga ko gushika kuri uwo musi abantu batandatu ari bo bavugwa ko bari bamaze kuyandura, batanu muri bo bakaba barapfuye.

Ivuga kandi ko kuva ku wa 11 Nzero, abantu icenda bamaze kwandura iyi ndwara, umunani muri bo bakaba barapfuye mu turere tubiri twa Biharamulo na Muleba muri iyo ntara ihana urubibe n'Uburundi, Urwanda na Uganda.

OMS ivuga ko abarwayi berekana ibimenyetso bimwe vyo kumeneka umutwe, ubushuhe bwinshi, kuribwa umugongo, ugucibwamwo, kudahwa amaraso, gucika intege, hamwe kandi no kuva amaraso mu ntoboro zitandukanye z'umubiri iyo ndwara imaze kugera kure.

Imenyesha ko hari ibipimo vyafashwe ubu bikaba biriko birihwezwa muri laboratware y'igihugu, ibizovamwo bikaba bikirindiriwe.

Reta ya Tanzania nta co irashikiriza ku bijanye n'iki kiza kivugwa mu gihugu, BBC ikaba ibandanya kurondera ababijejwe.

Abajejwe ubutabazi bwihuta bararungitswe muri iyo ntara mu ntumbero yo gufasha mu matohoza kuri iyi ndwara, mu gihe ibikorwa vyo gucungera vyakomejwe cane, hampande yo gukurikirana abakorakoranye n'abanduye, nk'uko OMS ibivuga.

Mu bikekwa kwandura iyi ndwara harimwo abakozi bo mu buvuzi, ibi bikaba vyerekana akaga kanini cane ko kwandurira iyi ndwara kwa muganga.

Inkomoko y'iki kiza gushika ubu ntiramenyekana, OMS ikavuga ko vyitezwe ko hari n'abandi bamenyekana ko banduye.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Aya makuru ya OMS asohotse inyuma y'imisi ibiri ubushikiranganji bwa Tanzania bujejwe amagara y'abantu buhakanye amakuru yakwiragiye ku mbuga hwaniro yavuga ivy'indwara y'icaduka itazwi muri iyo ntara ya Kagera.

Akarere ka Bukoba muri iyo ntara ya Kagera karatewe n'iki kiza ku ncuro ya mbere muri Ntwarante 2023, camaze hafi amezi abiri, aho abantu icenda bayanduye, batandatu muri bo barapfa.

Intara ya Kagera ihana urubibe n'Urwanda aho iki kiza cadutse muri Nyakanga (9) gushika muri Kigarama (12) mu mwaka uheze wa 2024, abantu 65 bakaba ari bo bayanduye, 15 muri bo irabahitana. Reta y'urwanda iherutse gutangaza ko iki kiza caheze mu gihugu.

Zimwe mu ngingo OMS isaba harimwo ugukomeza uburyo bwo gucunga ibigo vy'abinjira n'abasohoka, amamodoka yunguruza abantu, hamwe n'uturere two ku mipaka mu ntumbero yo guhagarika ikwirakwira ryayo, harimwo no hanze y'igihugu.

OMS isaba kandi ko hokomezwa uburyo bwo gukorana n'ibihugu bibanyi mu ntumbero yo guhuza uburyo bwo gutanga amakuru, gukorera hamwe amatohoza, be no guhanahana amakuru ahambaye mu gihe nyaco.

OMS ibona kandi ko ibihugu bibanyi bikwiye kwongereza ibikorwa vyo kwitegura kugira ngo abanduye bashobore kumenyekana hakiri kare, bataramurwe bongere bavurwe hakiri kare.