I Kinshasa, Tshisekedi na Ndayishimiye bumvikanye ku 'gukorera hamwe mu burimyi'

Ahavuye isanamu, Ntare Rushatsi
Uburundi na Repubulika ya Demokarasi ya Congo bimenyesha ko bigiye gukomeza ugufashanya no gukorera hamwe mu gisata c'uburimyi. Ibihugu vyompi bisanzwe bifitanye ugufatanya mu vyo kwivuna abansi.
Ibiro vy'umukuru w'igihugu wa RD Congo bimenyesha ko Félix Tshisekedi arongoye ico gihugu ku wa mungu yabonanye na mugenzi we w'Uburundi, Evariste Ndayishimiye, i Kinshassa, aho baganiriye ku kungene ibihugu vyabo vyo kwitunganya kugira bishike kuri iryo hangiro.
Inyuma y'ikiganiro cabo bonyene camaze umwanya urenga igice c'isaha, bagiye hamwe n'abarongoye ibisata bijejwe uburimyi ku mpande zompi bashika ku masezerano.
Ayo, yerekeye kugirira hamwe ubushakashatsi bujanye n'uburimyi, gusabikanya ubumenyi no guhanahana abahinga, kurwanya ingwara z'ibiterwa, gufashanya mu bijanye n'amahinguriro y'umwimbu, n'ibindi.
Ibi babishitseko hambavu y'inama mpuzamakungu ijejwe akarere k'ibiyaga binini (CIRGL) igira icenda(9) yari iramutse ibera i Kinshassa, umugwa mukuru wa Repubulika ya Demokarasi ya Kongo.
Abo bakuru b'ibihugu bompi barayitavye.
Mu bindi Tshisekedi na Ndayishimiye bashimikiyeko mu mubonano bagiranye, harimwo ugushira mu ngiro vuba imigambi nyamukuru yo ku mipaka ibi bihugu bisangiye.
Harimwo iyijanye n'uruja n'uruza rw'abantu n'urw'ibidandazwa.

Ahavuye isanamu, Presidence RDC
Icigwa cakozwe n'ikigo ca reta y'Uburundi kijejwe kwegeranya ibiharuro (INSBU) muri 2023, cerekana ko Repubulika ya Demokarasi ya Kongo iza mu kibanza ca kabiri (inyuma ya Tanzaniya: 63,9 %) mu bihugu Uburundi bushoreramwo ibidandazwa vyinshi: 35,3 %.
Uburundi na RD Congo bisanzwe ari ibihugu bicuditse, aho vyashize n'umukongo ku masezerano yo gufashanya mu gisata c'umutekano.
Ku bw'ayo masezerano, Uburundi bwarungitse ingabo mu buseruko bw'ico gihugu gufasha igisirikare caco (FARDC) kurwanya umuhari witwaje ibigwanisho M23, bivugwa ko ushigikiwe n'Urwanda, ariko rwo ruvyamirira kure.
Uburundi buhaye kandi indaro impunzi z'abanyekongo zirenga ibihumbi 120 zateshejwe izabo n'intambara zirangwa aho mu buseruko bwa RD Congo.
Mw'ijambo yashikirije mu nama mpuzamakungu ijejwe akarere k'ibiyaga binini (CIRGL) igira 9, umukuru w'Uburundi Evariste Ndayishimiye yasavye ko imihari yose yitwaje ibigwanisho igwanira mu bihugu bigize akarere yosamburwa buno nyene.
Abona ko inzira y'ibiganiro ari yo nyene ishobora gufasha mu gutora umuti urama.













