Ibitaro vya Gaza bivuga ko abantu 24 biciwe hafi y'ahatangirwa imfashanyo

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Jaroslav Lukiv
- Igikorwa, BBC News
- Igihe co gusoma: iminota 3
Ibitaro vya Nasser biri mu bumanuko bwa Gaza bivuga ko abantu 24 biciwe iruhande y'ahatangirwa imfashanyo.
Abanya Palestine bari muri ico kibanza bavuga ko abasirikare ba Israel barashe mu gihe abantu bariko bagerageza kuronswa imfungurwa kuri uyu wa gatandatu.
Igisirikare ca Israel (IDF) kivuga ko "ata bantu bakomeretse kizi" bivure ku masasu carashe muri ico kibanza.
Bitandukanye n'ivyo, umutegetsi w'igisirikare ca Israel yavuze ko harashwe amasase yo kugabisha mu gushiragiza abantu IDF yabona bashobora kuyigeramira.
Ibivugwa n'impande zose ntivyashoboye guhinyuzwa ata ho umuntu yegamiye. Israel ntiyemerera ibinyamakuru mpuzamakungu kwinjira muri Gaza, harimwo na BBC.
Amasanamu yabonywe na BBC ku mugoroba wo ku wa gatandatu yerekana ibisa n'imifuko myinshi irimwo ibiziga mu kigo c'ibitaro vya Nasser, ikikujwe n'abaforoma hamwe n'abantu bambaye impuzu zuzuye amaraso.
Mu yindi Video, hari umugabo avuga ngo abantu bari barindiriye imfashanyo aho baterwa n'amasase mu kiringo c'iminota itanu. Umuganga wo muri rusehabaniha yagirije igisirikare ca Israel kwica ata kinya.
Iyo video ntirahinyuzwa na BBC.
Itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters ryavuze ko ryavuganye n'ababibonye basiguye ko barashwe mu mutwe no mu gatuntu.
Hari inkuru ziza ku musi ku musi z'abantu bishwe n'amasase ya Israel mu gihe bari kurondera imfungurwa.
Israel yugaye inzira zose zicamwo imfashanyo zija muri Gaza mu kwezi kwa gatatu, hanyuma mu nyuma isubira gutanguza ibitero vya gisirikare ku muhari Hamas, vyaje kurangiza amezi abiri y'agahengwe. Ivuga ko ishaka guhatira uwo mugwi witwaje ibigwanisho wa Palestine kurekura ingwati wafashe.
N'aho hari imfashanyo nke yemerewe kuza irinjira mu mpera z'ukwezi kwa Rusama(5) mu gihe hagabishwa ko gutera ikigoyi, haracari ibura ry'ibifungurwa co kimwe n'imiti hamwe n'igitoro.
Igisata ca Onu gifasha impunzi z'abanya Palestine, Unrwa, kivuga ko hariho ibihumbi n'ibihumbi vy'abana bafise ingwara z'imirire mibi hirya no hino muri ako karere, kandi hakaba hari benshi bagenda batorwa izo ngwara buri musi.
Hambavu yo kurekurira amakamyo ya Onu azanye imfashanyo kwinjira, Israel na Amerika bashizeho ubundi buryo bwo gutanga imfashanyo burongowe na Gaza Humanitarian Foundation (GHF), bavuga ko bashaka kubuza Hamas kwiba imfashanyo.

Ahavuye isanamu, Reuters
Ku musi wa gatanu, ibiro vya Onu bijejwe agateka ka zina muntu vyavuze ko bimaze kumenya abantu 798 bamaze kwicwa batondeye imfungurwa, harimwo 615 biciwe mu micungararo y'ibigo vya GHF, bigenzurwa n'abajejwe umutekano b'abanya Amerika bigenga, bikaba biri mu turere tugenzurwa n'igisirikare ca Israel mu bumanuko na hagati muri Gaza.
Ubundi bwicanyi bw'abantu 183 bwabereye hagufi y'ahariko haraca imfashanyo ya Onu hamwe n'izindi mfashanyo.
Igisirikare ca Israel kivuga ko cemera ko hariho aho vyashitse abasivire bakagirirwa nabi kandi ko kiriko kirakora kugira kigabanye "imishamirano hagati y'abanyagihugu n'igisirikare ca Israel mu buryo bushoboka bwose".
GHF yagiriza Onu gukoresha ibiharuro " vy'ububeshi kandi biyovya" bivuye mu bushikiranganji bwa Hamas bujejwe amagara y'abantu.
Mu ntango z'uku kwezi, uwahoze akorera GHF yabwiye BBC ko yiboneye abo bakorana barasa incuro nyinshi ku banya Palestine bashonje ata kibazo na kimwe bari bateye. GHF yavuze ko ivyo ari ibinyoma.
Israel yatanguye ibitero vya gisirikare muri Gaza mu kwihora ku gitero cajabutse urubibe ca Hamas c'itariki 7 z'ukwezi kwa Gitugutu(10) 2023, ciciwemwo abantu 1.200 abandi 251 bagirwa ingwati.
N'imiburiburi abantu 57.823 baramaze kwicirwa i Gaza kuva ico gihe, nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bwa Hamas bujejwe amagara y'abantu.













