Igiporisi ca Norway kivuga ko ikiziga catowe ku nkengera ari ic'umwana w'umu Kurd wo muri Iran

Artin

Ahavuye isanamu, Family handout

Insiguro y'isanamu, Umugenzi w'umuryango yise Artin w'amezi 15 ''umwana w'akanyamuneza cane"

Igiporisi muri Norvege kivuga ko ikiziga c'umwana catowe ku nkengera z'ico gihugu ari ic'umwana w'amezi 15 yapfiriye muri Manche (English Channel) mu mwaka uheze.

Uwo mwana, yitwa Artin, yapfuye ari kumwe n'abandi bantu bane bo mu muryango igihe ubwato barimwo bwazama mu kwezi kw'icumi.

Uwo muryango w'aba Kurd bo muri Iran wariko uragerageza kuja mu Bwongereza uvuye mu Bufaransa.

Incuti z'uwo muryango zivuga ko zari zishwe n'agahinda igihe zari zirindiriye kumenya ico Artin yabaye.

Ubu ibisigarira vy'uwo mwana w'umuhungu bigiye gusubizwa muri Iran gushingurwa.

Ku wa mbere, igipolisi co muri Norvege cavuze ko ico kiziga catowe ku nkengera yo mu bumanuko bushira uburengero bw'igihugu hafi ya Karmoy n'abaporisi babiri ku munsi w'ubunani.

Camilla Tjelle Waage, umukuru w'amatohoza y'igiporisi yabwiye BBC ati: "Nta makuru w'umwana yabuzwe irengero muri Norvege twari dufise, kandi nta muryango n'umwe wigeze urondera igipolisi."

Hahavuye hakorwa igipimo ca ADN/DNA (cerekana ko abantu basangiye amaraso) mu nyuma umuryango uramenyeshwa ko yari Artin koko.

Itangazo ry'igipolisi rivuga ko : " Abahinga bafise ubumenyi mu bijanye n'ibipimo bifasha mu matohoza y'icaha bo ku bitaro vya kaminuza ya Olso barashoboye kuronka igipimo ca ADN/DNA gihuye n'icuwo mwana."

Rasoul Iran-Nejad, w'imyaka 35, na Artin w'amezi 15, Shiva Mohammad Panahi, w'imyaka 35, Anita, w'icenda, na Armin, 6.

Ahavuye isanamu, Hengaw

Insiguro y'isanamu, Bane bo mu muryangon wa Artin bapfuye igihe ubwato barimwo bwazama mu kwezi kw'icumi

Ubwato uwo muryango warimwo bwazamiye muri Manche (Channel) itariki 27 ukwezi kw'icumi. Rasoul Iran-Nejad, w'imyaka 35, Shiva Mohammad Panahi, w'imyaka 35, Anita, w'icenda, na Armin, 6, bose barapfuye.

Uwo muryango waturuka mu gisagara ca Sardasht muri Iran y'uburengero hafi y'ueubibe na Iraq. Abantu banrtu 15 b'abimukira barajanwe mu bitaro hanyuma amatohoza kuri iryo sanganya aratanguzwa muri Dunkirk n'ubushikirizamanza bw'Ubufaransa.

Ubwato bumaze kuzama, BBC yabonye urukurikirane bw'ubutumwa bwo kuri telephone vyibazwa ko bwarungikwa na Madame Mohammad Panahi, harimwo bumwe bwemera ko hari ingeramizi zo kujabuka La Manche n'ubwato ariko bukavuga ngo "nta kundi turi bugire".

"Dushaka kugenda n'ikamyo, bidusaba ayandi mafaranga menshi tudafise," nk'uko vyari mu butumwa bugira kabiri.

Ubundi bwavuga ngo: "Mfise agahinda kenshi mu mutima, kandi ubu maze kuva muri Iran, nashaka kwibagirwa kahise."

Mw'ikambi i Dunkirk, iyindi mpunzi, Bilal Gaf, yavuze ko umuryango wiwe wagumye hafi y'ihema ryiwe iminsi itatu canke ine imbere yuko ugenda, akavuga ko Artin yari "azwi" mu baba ngaho.

Avuga ati "Yari umwana yamana akanyamuneza", ariko arerekana ifoto yiwe n'uwo mwana, yafashwe iminsi 10 nimbere y'aho.

"Abantu barababaye, ariko tugire gute? Nta na kimwe. Kurira gusa.".

Abantu ibihumbi n'ibihumbi b'aba Kurd bo muri Iran barashira ubuzima bwabo mu minwe y'abajana ibimukira mu kinyegero bakaja i Buraya muri mwaka.

Intara y'aba Kurd muri Iran yugarijwe n'iburabuzwa rya poritike hamwe n'ukuba iri inyuma mu butunzi ugereranije n'izindi. Hagati ya miriyoni 25 na 35 z'aba Kurd bo muri Iran baba mu ntara y'imitumba iri ku mbibe za Turkia, Iraq, Iran na Armenia.

Bagize umugwi w'ubwoko ugira kane mu bunini mu Burasirazuba bwo Hagati , ariko ntibarigera baronka igihugu cabo bwite.