Abanya Sudani y’Epfo mu mayira abiri inyuma yo guhindurirwa ibihe vy’amasaha

Abanyagihugu bo ku mugwa mukuru wa Sudani y'Epfo, Juba, ntibabona kumwe ibijanye n'uko bagiye guhindurirwa ingene bahora baharura amasaha.
Mu ndwi iheze, inama nshikiranganji yafashe ingingo ko Sudani y'Epfo izohindura ibihe vy'amasaha, bagasubira inyuma isaha imwe kuva ku wa 01 z'ukwa kabiri 2021.
Ibihe vy'amasaha vy'iki gihugu (fuseau horaire) bizohinduka. Imbere y'aha, yari imbere amasaha atatu ufatiye kw'isaha mpuzamakungu (GMT +3), ariko rero kuva ubu izosubira inyuma isaha, ufatiye kuri GMT nyene (GMT +2).
Izi mpinduka zivuze ko niba uyu munsi aka kanya i Juba ari saa moya za mugitondo, guhera ku wa mbere w'indwi iza ku isaha nk'iyi hazoba ari saa kumi n'ebyiri za mugitondo.
Imbere y'uko yiyonkora kuri Sudani, yari imbere amasaha atatu ufatiye kw'isaha mpuzamakungu, co kimwe n'ibindi bihugu nka Kenya, Uganda na Tanzania vyo mu karere ka Afrika y'Ubuseruko.
Ibi vyumvikana ko Sudani y'Epfo igihe kuba ku masaha amwe n'Uburundi n'u Rwanda.
Wodkan Saviour Lazaru wo mw'ishirahamwe riharanira amahoro (Support Peace Initiative Development Organisation), yabwiye BBC ko iri hinduka ari iciyumviro kibi.
Ati: "Twaramaze kwinjira mu muryango w'ibihugu vyo muri Afrika y'Ubuseruko, kandi tumenyereye dukoresha isaha yo muri Afrika y'Ubuseruko, iyi nayo ikaba iri imbere amasaha atatu ufatiye kw'isaha mpuzamakungu (GMT +3)".
"Izi mpinduka zivuga ko abanyagihugu benshi bazota umutwe kuko batazomenya ico bafata n'ico bareka - kubera bizogira ingaruka mbi ku masaha y'akazi, igihe batondera n'igihe bagodokera".
"Jewe nosaba ko reta yosubiramwo iyi ngingo ikareka guhindura amasaha, maze Sudani ikaguma iri imbere amasaha atatu (GMT +3).

Hagati aho, umunyeshure Samuel Marial ariko yiga ibijanye n'umwuga wo kumenyesha amakuru kuri kaminuza ya Juba, yakirije yompi iyi ngingo.
Ati: "Jewe ndashimye cane iyi ngingo kuko niko vyahora bimeze kera. Aya masaha menshi azogira ingaruka nziza. Jewe nk'umunyeshure, nzoba mfise umwanya ukwiye wo gushika kw'ishure. Aya masaha mashasha arorohereza abanyeshure".
Ariko, Deborah Arach, umugore yubatse akaba kandi yiga mu mwaka wa kane kuri iyo kaminuza ya Juba, wewe siko abibona.
Ati: "Jewe si nshima izi mpinduka. Nk'umugore, zizonkorako kubera ibikorwa vyo mu rugo bizoca bingora, ntibizonyorohera kubikora imbere y'uko nja kw'ishure".
"Bamwe muri twebwe twubatse tuzogira ibibazo n'abagabo bacu kuko bashobora kubona ko twataye ibikorwa vyo mu rugo".










