Burundi: 'Kubura Athanase Ntiyanogeye turahombye cyane rwose' - Christine Ntahe bakoranye

Ahavuye isanamu, Akeza.net
Athanase Ntiyanogeye umunyamakuru wa mbere wasomye amakuru kuri televiziyo y'u Burundi igitangira mu 1984, yatabarutse ku myaka 66.
Athanase Ntiyanogeye yitabye Imana ejo kuwa kane nimugoroba azize uburwayi, nk'uko abo mu muryango we babitangaje.
Christine Ntahe bakoranye mu itangazamakuru kuva mu 1980 avuga ko u Burundi buhombye umuntu ukomeye muri uwo mwuga.
Ntiyanogeye yari umuntu wubashwe mu kibano, mu bato no mu bakuru, usibye abanyamakuru yigishije m'u Burundi no mu Rwanda.
Yakoreye radio na televiziyo by'u Burundi (RTNB) kuva mu 1980 kugeza mu 2015 ajya mu kiruhuko cy'izabukuru.
Christine Ntahe azwi cyane mu Burundi nka "Maman Dimanche" yabwiye BBC Gahuzamiryango uko Ntiyanogeye yakoreye igihugu imyaka myinshi, binyuze kw'itangazamakuru:
"Yaje ava m'Ubufaransa kwiga, yari akiri muto kuri njyewe kuko ndamuruta. Yatangiye mu 1980 ubwo yansangaga kuri radio y'igihugu. Televiziyo itangiye mu 1984 ahita ajyayo".
Yari muntu ki?
Yavukiye muri komine Mukike mu ntara ya Bujumbura.
Ntiyanogeye yagiye kwiga itangazamakuru mw'ishure rikuru ry'i Sorbonne -Paris- m'Ubufaransa -, ' Ecole Supérieure de Journalisme', arangije ay'isumbuye i Bujumbura.
Ntiyanogeye ari mu bashinze ikigo c'itangazamakuru 'Maison de la Presse' mu Burundi.
Usibye ko yari impuguke n'umujyanama mu rwego rwo guhana amakuru -communication- ku ibigo binyuranye, yaramuye abanyamakuru benshyi m'Uburundi no m'Urwanda.
Christine Ntahe ati: "Ntiyanogeye yari incabwenge izi no kubusangiza abandi. Yifuzaga ko abandi bamenya umwuga".
Madame Josine Kaze, undi munyamakuru yigishije amwibuka ati, "Atuyobora mu bikorwa bya kaminuza, yakundaga kutubaza ati, 'ibyo mwize musanga bizafasha bite iyi si?'".
Christine Ntahe we asanga ingendo y'umuhisi ari urugero rw'ubuntu:
"Ntiyanogeye yari umuntu wicisha bugufi cyane, muhuye ntiwamenya ko ari umuntu wize, byo hejuru".
Madamu Ntahe ashinga intahe yongera ati, "Yari umuntu ugira igishyika akubonye ukabona ko akunezerewe. Yari umuntu ukunda abantu cyane".

Madamu Ntahe, uri mu kiruhuko cy'izabukuru, avuga ko aho Ntiyanogeye yari atuye mu Kinanira (Bujumbura) abantu bavuye mu cyaro bakayoba basabaga ko babageza kwa Ntiyanogeye ngo abafashe.
Ati: "Yari umuntu Imana yaremanye ingeso nziza nyinshi cyane".
Mu itangazamakuru?
Usibye igihe kirekire yakoze kuri RTNB nk'umuyobozi ushinzwe amakuru, Ntiyanogeye yatanze ibiganiro byinshi ku bindi bitangazamakuru bitandukanye.
Abo yigishaga itangazamakuru muri za kaminuza mu Burundi no mu Rwanda bagiye batangaza ku mbuga nkoranyambaga agahinda batewe no kumenye urupfu rwe.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookie n'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa, 1
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookie n'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa, 2
Madamu Ntahe avuga ko Ntiyanogeye aho yakoraga hose yabaga ashaka gutanga ubumenyi afite.
Ati: "Yari umuntu ukora anezerewe kandi anezeranywe n'abo bakorana, umuntu wese yabaga amwiyumvamo mu kazi".
"Nakomeje gukurikira ahantu henshi ku mbuga za WhatsApp abantu benshi baravuga bati 'duhombye umuntu utazasimburwa na gatoya, abantu babaye cyane rwose"
Ntiyanogeye yari umushingantahe wubatse ufite abana, abuzukura, abakwe n'abakazana nk'uko Madamu Ntahe - inshuti y'uyu muryango we - abivuga.
Madamu Ntahe ati: "Abantu benshi barababaye cyane kandi nanjye ndababaye cyane rwose kuko yaramfashije, ambera n'urugero mu bitari bicye".










